Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Imirwi ihohotera agateka ka zina muntu yabaye ndanse - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Imirwi ihohotera agateka ka zina muntu yabaye ndanse

Kenya : Imirwi ihohotera agateka ka zina muntu yabaye ndanse

lundi 24 Ruheshi 2013

Abantu batari munsi ya cumi baritavye Imana abandi nk’abo barakomereka mu gitero cabaye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 23 Ruheshi umwaka w’2013 mu gihugu ca Kenya, aho abo bantu batewe igerenade mu Burengero bushira Ubuseruko bw’ico gihugu.

Ivyo rero bikaba bibaye mu gihe ku munsi wa gatanu hari habaye ugutana mu mitwe hagati y’ amoko amwe amwe mu gihugu ca Kenya aba ku rubibe ico gihugu gihana n’igihugu ca Somaliya, aho naho abantu icenda bakaba aribo bitavye Imana nk’uko bimenyeshwa n’urwego rw’igipolisi muri ico gihu. Iyo gerenade yatewe rero, ngo yoba yarondera abari mu murwi w’abari bahunze intambara zahuje abari mu bwoko bw’abadegodiya hamwe n’abagare haraciye amezi menshi. Abapolisi rero bakaba batanguye amatohoza kugira barabe ko iyo gerenade yatewe yoba yari ifatiye kuri izo ngorane z’amoko muri ico gihugu.

Ico gitero rero cabereye mu gace ka Mandera kari ku rubibe rwa Etiyopiya na Somaliya. Ubwoko bw’abagare n’abadegodiya baramaze amezi atari make bari mu mishamirano muri zone ya Basina, ubu rero abari mu makambi bahunze izo ndwano, barakubagurwa n’abantu bataramenyekana mu gace ka Wajir. Kuva rero igihugu ca Kenya kirungitse abasirikare baja kurwanya umuhari w’aba Shebab muri Somaliya mu kwezi kwa Gitugutu mu mwaka w’2011, ico gihugu carabaye ikirimbiro c’uturwi tumwe tumwe duhohotera agateka ka zina muntu muri ico gihugu cane cane ku mbibe ico gihugu gihana na Somaliya.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.