Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Imishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rw’aba isiramu yononye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Imishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rw’aba isiramu yononye (...)

Kenya : Imishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rw’aba isiramu yononye ibitari bike

lundi 3 Ruhuhuma 2014

Amakuru ava mu gihugu ca Kenya amenyesha ko hari umuntu yaraye apfuye n’abandi isinzi bakomeretse mu mishamirano ikomenye yabereye ku musigiti w’i Mombassa.

Igiporisi co mu gihugu ca Kenya carateye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 2 Ruhuhuma 2014 umusigiti witiriwe Masjid Musa w’i Mombassa kugira kimanure ibendera ryaba islam b’aba shebab b’abanya somaliya yari imanitse hejuru kuri uwo musigiti. Aho hari inyuma y’aho hari intwazangabo yari ihejeje gukubagurwa yakwa n’ibirwanisho vyiwe, bica bituma haba imishamirano hagati y’igiporisi n’urwaruka rw’aba isiramu.

Nk’uko vyamenyeshejwe n’ivyariho vyari muri iyo mishamirano, abaporisi babiri n’urwaruka isinzi bakaba barahakomerekeye biboneka.
Urwaruka rw’aba islamu rwaciye ruja mu misigiti yo mu gisagara rutegeka abamenyeshadini kwigisha jihadi ku nguvu.
Reta ya Kenya ikaba yaciye ihagarara magabo imenyesha ko igiye gufata ingingo ruhasha kuri urwo rwaruka rw’aba isiramu rwagararije, rukekwa no kuba ruri muba durumbanije umutekano watumye hononekara ibitari bike muri ako gace.

Mwomenya ko icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu William Ruto yari yamenyesheje mu kwezi guheze kwa Nzero ko Reta ya Kenya irajwe inshinga n’ihinduka ry’urwaruka rw’aba isiramu, hamwe n’iyinjira ryabo mu mirwi y’iterabwoba.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.