Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Indege zibiri mvamakungu zaguye ku kibuga c’indege - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Kenya: Indege zibiri mvamakungu zaguye ku kibuga c’indege

Kenya: Indege zibiri mvamakungu zaguye ku kibuga c’indege

jeudi 8 Myandagaro 2013

Indege zibiri za mbere zivuye mu gihugu c’Ubwongereza i londres hamwe n’i Bangkok, zarurukiye mu gitondo co kuri uno wa kane ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Nairobi, aho ico kibuga catewe n’ umucanwa ku musi wa gatatu.

Mu gatondo twakiriye, indege zibiri zivuye i Londres hamwe na Bangkok , vyamenyeshejwe na Eric Kiraithe,umukuru ajejwe umutekano kuri co kibuga c’indege jomo kenyatta (JKIA). Izo ndege zikaba zururukiye ahasanzwe hagenewe kwururukira i ndege zo muri ico gihugu ho hatashikiriwe n ’ uwo muriro. N’uno munsi turizeye ko tuza kuguma twakira n’izindi ndege naho tutazoba turiko turakora neza, ingenzi ziva i nairobi zigenda i Paris mu gihugu c’Ubufransa hamwe n’i Johansbourg bariko bariyandikisha.

JKIA, ikibuga c ’indege c ’Afrika gisanzwe cururukirako indege zitari nke, kikaba cari cahagaritse ibikorwa vyaho kuva ku musi wa gatatu biturutse ku muriro wadutse nk’imbere gato y’isaha 11 y’agatondo. Abaje gutabara bikaba vyabafashe umwanya munini kugira bashobore kuzimya uwo muriro, aho waciye umunyota hato.
Ariko ntabantu basize ubuzima muri uwo mucanwa, indege zose zategerezwa kuguruka zaciye zihagarikwa ahandi naho zigaca zikatishwa kuja kurwa ku bindi bibuga vy’indege nk’ikibuga c’i Mombasa.

Ntakiramenyeshwa ku vyerekeye ryari uruja n’uruza rw’izo ndege ruzosubirira ku yandi mashirahamwe y’indege atari kenya airways.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.