Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ingingo yo kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ingingo yo kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (...)

Kenya : Ingingo yo kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha yemejwe

vendredi 6 Nyakanga 2013

Inama nshingamateka yo mu gihugu ca Kenya yaratoye ku munsi w’ejo kuwa kane, ingingo yo kwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Urunani rw’abashingamateka batavuga rumwe n’ubutegetsi (CORD) rukaba rutatoye iyo ngingo.

Iyo ngingo ifashwe mu gihe hasigaye indwi imwe gusa kugira iyo sentare ihamagaze urubanza rw’icegera c’umukuru w’igihugu William Ruto, yagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.
umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta nawe azokwitaba urubanza mu kwezi kwa cumi na rimwe uyu mwaka nyene turimwo.

Abo bategetsi bompi bakurikiranwa ku vyaha bijanye n’ubwicanyi bwahitanye abantu inyuma y’amatora yo mu mpera z’umwaka w’2007.

JPEG - 24.3 ko
Uhuru Kenyatta na William Ruto, bompi bakurikiranwako ivyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha imenyesha ko imanza iriko iraburanisha kuri abo bategetsi babiri b’igihugu ca Kenya zizobandaniriza muri iyo sentare nyene, n’aho igihugu coyikuramwo.
Fadi El Abdallah, umuvugizi wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha iyo ngingo y’inama nshingamateka ya Kenya ataco isigura ku manza za Uhuru Kenyatta na William Ruto kuko ukwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha biraba imanza zo muri kazoza, atari izo muri kahise.

JPEG - 11.9 ko
Fadi El Abdallah, umuvugizi wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.