Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Abanyagihugu babiri bo muri Iran bakatiwe guherayo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Abanyagihugu babiri bo muri Iran bakatiwe guherayo

Kenya: Abanyagihugu babiri bo muri Iran bakatiwe guherayo

lundi 6 Rusama 2013

Abanyagihugu bo mu gihugu ca Iran babiri bakatiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose na sentare muri Kenya, ku vyaha bijanye n’itera bwoba.

Ahmad Mohammed na Sayed Mousavi bari bagiwe n’icaha ku ndwi iheze kubera kuba bari bafise ubumara buturika, bashobora kuba bashaka kuzohava bakoresha mu gitero. ’’Ndahinda agashitsi iyo niyumviye ibintu vyari kwononekera’’ niko umucamanza Kiarie Waweru yavuze nk’uko bishikirizwa n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP.

Leta ya Iran irahakana kuba hari umugambi urondera Kenya yari ishigikiye .
Ku wa mungu, uwuyihagarariye muri Kenya, Malik Hussein Givzad, yavuze ko ibiro vyiwe bizofasha imiryango ya Mohammed na Moussavi kwunguruza.

Nk’uko bishikirizwa n’ikinyamakuru co muri Kenya "Daily Nation", Givzad yavuze ati ’’Nk’ibiro biserukira igihugu, ico dushobora kugira ni ugufasha imiryango y’abagiriwe n’icaha kwungururiza muri sentare y’ikirenga, hamwe abashingwamanza bobona ko ata vyemezo bifadika vyatanzwe’’.

Yongeye ati ’’Iran ifitaniye imidengenderanire myiza na Kenya. Iki cari igikorwa c’ubutungane, igikorwa twubaha’’.

Sentare yavuze ko abo bagabo babiri Mohammed na Mousavi biketswe kuba bari bafitaniye isano n’urufatangane rw’abantu bariko barategura ibitero vy’amabombe ku murwa mukuru Nairobi no mu gisagara co kw’ibahari ca Mombasa.

Umucamanza yavuze ko yabakatiye gupfungwa ubuzima bwose kubera ’’amaborogo y’abahuye n’ibitero vyo muri kahise yumvikana canekuruta uko bireguye", ivyo tukaba tubishirizwa na AFP.

Abunganira abaregwa bavuze ko Mohammed na Mousavi basambishijwe n’abajejwe umutekano b’abanye Israel mw’ibohero. Ariko umushikirizamanza yarabihakanye.
Mohammed na Mousavi bafashwe mukwa gatandatu mu mwaka w’2012 bagirizwa gutunga ibiro 15 vy’ubumara buturika cane bita RDX.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.