Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Kaminuza ya Garissa yatewe n’abantu bataramenyekana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Kaminuza ya Garissa yatewe n’abantu bataramenyekana

Kenya : Kaminuza ya Garissa yatewe n’abantu bataramenyekana

jeudi 2 Ndamukiza 2015

Kaminuza ya Garissa mu gihugu ca Kenya yatewe n’abantu batanu bitwaje ibirwanisho, abo bicanyi bakaba babanje kwica abasanzwe bacunga ubwinjiriro bw’iyo kaminuza.

Abo bateye iyo kaminuza, bakaba bahashitse igihe c’isaha cumi n’imwe z’ubuca kuri uwu wa kane, bashika barasa amasasu menshi, yaciye ahitana abantu 2, abandi nabo bagera kuri 29 bakaba bakomeretse.
Mw’itangazo ryaciye rishirwa ahabona n’igiporisi ca Kenya, ico giporisi kiremeza ico gitero, kikavuga ko bari abicanyi batanu, bashitse barasa urudavagi rw’amasasu badatoranya.

Igiporisi rero kikaba kivuga ko caciye kinyarutsa gutabara, kikaba carasanye n’abo bari bateye iyo kaminuza. N’aho abateye batarivuga canke ngo inzego za Reta zibadomeko urutoke, abatari bake aho muri Kenya bakaba bemeza ko abo bateye ari intagondwa z’umuhari wa Al shabab basanzwe bakunda guhangabanya umutekano w’abanyagihugu aho muri Kenya, bitwaje idini rya Islam.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.