Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: La haye yakuye ibirego kuri Francis Muthaura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: La haye yakuye ibirego kuri Francis Muthaura

Kenya: La haye yakuye ibirego kuri Francis Muthaura

mardi 12 Ntwarante 2013

Abashikirizamanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye, bakuye ibirego bijanye no guhohotera ikiremwa muntu bagiriza uwahoze ari umuyobozi mukuru ajejwe abakozi ba leta muri Kenya, Francis Muthaura.

Umushikirizamanza mukuru, Fatou Bensouda, yavuze ko ata kundi yari kubigenza kiretse gukura ivyo birego kuri bwana Muthaura, nyuma y’aho icabona nyamukuru kivugiye ko cabeshe.

Bensouda yavuze ko ivyo birego bari bashikirije ata mutima mubi urimwo ariko ko uko umwanya wagiye urahera, bamwe mu vyabona bapfuye, abandi nabo bagatinya gushikiriza ivyo bazi.

Ivyo bikaba kandi Leta ya Kenya yari yemeye kuzofasha mu bizokenerwa vyose.
Uwo mushikirizamanza yavuze ko afise ibigaragaza ko ivyabona bihabwa igifukamunwa.

Francis Muthaura yari kumwe na Uhuru Kenyatta aherutse gutsindira amatora y’umukuru w’igihugu co kimwe mbere n’uwo bitoreje hamwe William mu kwagirizwa kugira uruhara mu ntureka zakurikiye amatora yo mu 2007.


Jean Michel Ndayikengurutse

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.