Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Mombassa yiriwemwo akajagari - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Mombassa yiriwemwo akajagari

Kenya : Mombassa yiriwemwo akajagari

vendredi 4 Gitugutu 2013

Abantu bitwaje ibirwanisho bari mu muduga, bishe abantu bane barimwo umwe mu bakuru b’idini rya Islam mu gisagara ca Mombasa muri Kenya, nk’uko bimenyeshwa n’igipolisi.

Sheikh Ibrahim Ismail yafatwa nk’umusubirizi wa Aboud Mohammed, yishwe mu mwaka w’2012, nawe nyene akaba yagandaguwe nka Sheikh. Igandagurwa ry’uyo mukuru mw’idini rya Islam Sheikh Ibrahim Ismail ku munsi wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu, bivurwa ko yoba yarashigikiye intagondwa za al shebab bo mu gihugu ca Somaliya, ndetse bikaba vyavurwa cane ko boba bari basanzwe bafitaniye imigenderanire myiza, mu gihe izo ntagondwa nyene zaheruka kwiha inkumbi mu gisagara ca Nairobi, aho bagandaguye abantu batari mu nsi ya 67. Ivyo bikaba binurwanurwa ko ari navyo yoba azize, ivy’imigenderanire myiza yoba yarafitaniye n’izo ntagondwa.

Sheikh Ibrahim Omar

Ubu rero hakaba hari imyiyerekano mu gisagara ca Mombassa, aho abariko barigaragamvya bagiriza inzego zishinzwe umutekano kuba arizo zagandaguye abo bantu bose ukwo ari bane, harimwo uyo mukuru mw’idini rya Islam. Muri iyo myigaragamvyo kandi, bivurwa ko amasengero yaturiwe inyuma y’amasengesho y’abasiramu. Inyuma y’akanya gato , igipolisi kikaba caciye gikoresha inguvu, ndetse gisuka imyuka yokera abari mu myirekano, gurtyo abari mu myiyerekano ntibabandanya kwonona ibintu.

Sheikh Ibrahim Omar akaba yarasanzwe asengeshereza mu musigiti witwa Masjid Musa, uwo nawo ukaba usengeramwo intangondwa zo mu muhari al shebab, hamwe n’abandi basiramu b’intagondwa. Sheikh rero, ubu akaba yari mu bantu bafatiwe ibihano n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ndetse na Leta zunzubumwe za Amerika yagirizwa kuba akorana n’intagondwa za al shebab zisanzwe zifashanya na al qaid , eka kandi kuba ariwe azegeraniriza imfashanyo.


Aristide Nizigire

Messages

  • uko ndabibona ndiyunvira ko kubayishwe hagiye kuba uruhagarara murikenya 1 aba isilam bazobona ko barenganywa 2 nkukwi gi polisi cakoresheje inguvu nyishi ndabonako ukwidoga kuzobakwishi ariko kunvo zumutekano ndabona kurijewe bakoze igikorwa ciza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.