Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ishengero ryasavye abagore n’inkumi kudasubira gusenga bambaye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Ishengero ryasavye abagore n’inkumi kudasubira gusenga bambaye (...)

Kenya : Ishengero ryasavye abagore n’inkumi kudasubira gusenga bambaye uduhuzu two munsi

mercredi 5 Ntwarante 2014

Mu gihugu ca Kenya, hari amakuru atangaje y’umupasitori w’i Nairobi yasavye abayoboke biwe na cane cane abakenyezi kutambara uduhuzu two munsi mu gihe bari mw’isengero, kugira mutima mweranda yinjire.

Abayobozi benshi b’amashengero hari ibintu bama bigisha canke bagasaba abayoboke babo kugira barushirize kwiyegereza Imana, usanga bisa n’aho bitangaje. Biratangaje canke umuntu yokwibaza igituma uwo mupasitori yasavye abayoboke biwe b’abigeme n’abagore, kudasubira kwambara uduhuzu two munsi, mu ntumbero yo kwiyegereza Imana. Uwo mu pasitori yasavye ko boza mw’isengero batazambaye, kuko utwo dukabutura two munsi, ari nko kwiyanduza.

Abayoboke biwe rero bategerezwa kuza ataco bambaye munsi kugira ntihagire ikintu na kimwe kibafatira yaba ku mubiri canke mu mpwemu, mu kwakira kristo, nk’uko bivugwa n’uwo mu pasitori Njohi, asanzwe akorera ibikorwa vyiwe mw’ikaritiye imwe iri Nairobi muri kenya. Agirako anabakarira, aho mbere abamenyesha ko Imana yobarungikira ibihano bikomeye kuri abo bose bokwanka ko mutima mweranda yinjira kubera agatambara gusa umuntu yambaye munsi.

Uduhuzu two munsi rero yaba utubutura, yaba tumwe abigeme bambara mu gikiriza bisabwe kutugumiza mu bubati iwabo muhira. Mbere imbere yo kwinjira mu ngoro y’Imana hari abakenyezi ata kindi bajejwe atari ugusuzuma ko abakobwa batoba bambaye utwo duhuzu munsi.

Umwe mu basanzwe basengera muri iryo sengero mugabo atashimye kwivuga izina yamenyesheje ikinyamakuru co ngaho muri Kenya ko mu misa yo ku munsi w’Imana abayoboke b’iryo shengero bavyemeye mbere bagiye batambaye utwo duhuzu munsi. Ntawuzi rero ko boba bumvise ko ariho baba begereye Imana gusumvya. Abantu rero gushika n’ino saha ntibaratahura izo nyigisho z’uwo mupasitori.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.