Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Uhuru Kenyatta yagabanije umushara wiwe ku bice 20 kw’ijana - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Uhuru Kenyatta yagabanije umushara wiwe ku bice 20 kw’ijana

Kenya: Uhuru Kenyatta yagabanije umushara wiwe ku bice 20 kw’ijana

lundi 10 Ntwarante 2014

Umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yagabanije umushara yahembwa hamwe n’uw’icegera ciwe William Ruto, ku bice bishika 20 kw’ijana hamwe n’ibice 10 kw’ijana y’amafaranga yahora ahabwa abashikiranganji.

Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza ibikorwa vy’inama yari yahuje abagize inzego z’igihugu muri Kenya, umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta yamenyesheje ko umushara yahora aronka, uw’icegera ciwe hamwe n’uwabashikiranganji ugiye kugabanuka mu ntumbero yo kugabanya amafaranga y’igihugu yahora akoreshwa.

Ikinyamakuru co mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Kenya, kikamenyesha ko umushara Kenyatta yahora aronka ugiye kuva ku muriyoni 1 237 y’amashiringi, uje ku ku mashiringi 989 600, n’ukuvuga hafi ibihumbi 8 250 y’amafaranga ya Buraya. Mukamenya ko, umushara w’umukozi abayabaye ngaho muri Kenya aronka ku kwezi, ungana n’amashiringi 8 500.

Umushara wa William Ruto nawo wafatwa nk’umwe mu butunzi bwa mbere muri Kenya ukazova ku 1 051 875 y’amashiringi uje ku bihumbi 841 500 ku kwezi. Iryo gabanurwa ry’imishara y’abo bategetsi babiri rikazotuma haziganywa ku mwaka imiriyoni 5 n’igice y’amashiringi, ayo nayo akaba angana n’ibihumbi 46 vy’amafaranga ya Buraya.

Ico kinyamakuru nyene kikamenyesha kandi ko, hagiye gushirwaho uburyo bushasha bwo kwiga ibijanye no kugira ingendo mu bindi bihugu, kugira bagabanye izidakenewe zose. Uhuru Kenyatta akavuga ko ivyo bizofasha kugabanya isesagurwa ry’itunga ry’igihugu, hashobore no gutegekanywa amafaranga y’imigambi ikomakoye yubaka igihugu, Aho akibutsa ko imishahara y’abakozi ba Reta yatwara amamiriyaridi 400 y’amashiringi ku mwaka, hagasigara imirirayiridi 200 gusa yo mw’iterambere ry’igihugu.

Akaba yahamagariye n’abashingamateka bo muri Kenya basanzwe barino mu bashingamateka ba mbere bahembwa neza muri Afrika, gukurikira akarorero bahawe, mu gukora ibisabwa n’abanyagihugu ku bw’ineza y’igihugu.

Mwokwibuka ko mu muri Rusama 2013, abashingamateka bo muri Kenya bari batoye itegeko rifuta ingingo yo kugabanya ibice 40 kw’ijana vy’imishara yabo, ingingo yari yafashwe n’umurwi w’igihugu ujejwe ivyo gutunganya imishahara y’abakozi ba Reta.


Mariella Bukuru

Messages

  • aho ntazokoraba nka Nkurunziza agishika kubutegetsi ngagarukanyamahera bamutekere yinge ntidusubire kuvyumva ayagarutse kugezu,ngirubu bamutekerera ayakwiranye nurwo rugendo?mugabo biratandukanye kari kumushahara umukuru yobuwo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.