Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Uhuru Kenyatta yitavye i La Haye nk’umunyagihugu asanzwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Uhuru Kenyatta yitavye i La Haye nk’umunyagihugu asanzwe

Kenya : Uhuru Kenyatta yitavye i La Haye nk’umunyagihugu asanzwe

mercredi 8 Gitugutu 2014

Umukuru w’igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta yitavye ubutungane imbere ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha i La Haye. Akamenyesha ko yitavye kw’izina ryiwe atari kw’izina ry’umukuru w’igihugu.

Uhuru Kenyatta yavuye Nairobi, kw’iganakerezo ry’7 Gitugutu, agiye kwitaba ubutungane. Yari yamenyesheje ko azorenguka imbere ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) izofata ingingo mu rubanza rumwagiriza amabi y’ihohoterwa rya kiremwa muntu (crimes contre l’humanité).

Mu gukingira igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta yakoresheje ingingo iri mw’ibwirizwa shingiro imuha uburenganzira bwo gusigira icegera ciwe, William Ruto, amabanga y’umukuru w’igihugu vy’imfatakibanza. Amusubiriye mu gihe azomara i La Haye. Uhuru Kenyatta arenguka imbere ya Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku giti ciwe atari kw’izina ry’umukuru w’igihugu, nk’uko yabivuze.

Uwo mukuru w’igihugu ca Kenya yagirizwa na Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ubwicanyi bufatiye ku bwoko bwabaye inyuma y’amatora mu kwezi kwa Kigarama 2007, bwahitanye abantu barenga 1200, hahunga abashika 600 000. Iyo yanka kwitaba ubutungane yari gushobora kwikwegera umutahe mpuzamakungu umuhagarika (un mandat d’arrêt international), n’ibihano mpuzamakungu (des sanctions internationales).


Nadège Irakoze

Messages

  • Mbe ko bacagura nibahamagaze Nkurunziza na Kagame urazi nkuyu mukuruwigihugu cuburundi abantu bagandaguwe iyuma yamatora kugeza nubu

  • Hahaaaaaaaaa!!!!!! Ivy’isi n’amabanga kweli naho data wanje abo bantu 1200 bapfuye inyuma y’amatora ya 2007 vyoba arukuri, mbe kagame yishe amamiliyoni n’amamiliyoni ntiyigaramiye I kigali ?? Mbe iyo sentare y’I La Haye ko itaramuhamagara ngo aburane? Ivy’abazungu n’akarenganyo gusa. Ariko Imana ishobora vyose ica iziroranyen’izigororotse mw’isi izokor’ivyayo.

  • Niyitabe niyaba atakimwagira bamureke, sinzi aho nasomye ngo intagondwa za ba presidents bo muri africa bari bamubujije ngo ntiyitabe erega amaraso y’umuntu arahuma none bareke aba president bo muri africa bigire nkuko inda yigira mubushambara uwakoze ikibi nabazwe aho bahera bica abantu kubusa gusa ehee hari kera ubu siko bikimeze ibintu vyarahindutse.

  • MURINDIRE DUKORE UKO DUSHOBOYE NUWUNDI MUGABO UMWE ASIGAYE NIBIHANGANGE VYIWE BITABE TUGIRE RUSANSUMA RWIYONGERA KU BISHWE BA BA FNL KUKO HAMAZE KUBONEKA 1100 HANYUMA TUGATEREKEYO
    TURABE

  • muri kano karere ntawusumvya cndd fdd na fnl

  • Nawenyene ntasye bwose azoja irahe mbwe urazi abaprezida bomuri afurika batagiye barahamagara afurika boyifuta bakabahonimiryangoyabogusa.sha imana nimutananigwa,nomuburundi tuaranyotewe irahe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.