Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha biri mu minwe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha biri mu minwe (...)

Kenya : Ukuva muri Sentare mpuzamakungu mpanavyaha biri mu minwe y’abashingamateka

mercredi 4 Nyakanga 2013

Icegera c’umukuru w’inama nshingamateka yo mu gihugu ca Kenya, Joyce Laboso yahamagaje abashingamateka mu nama idasanzwe itegekanijwe kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Nyakanga 2013 kugira bigire hamwe ikibazo c’uko Kenya ishobora kuva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI : Cour Pénale Internationale).

Mu rwandiko rwasohowe ku mugaragaro na Laboso, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka yo muri Kenya, kuri uyu wa kabiri, avuga ko abashingamateka bazokwiga inyungu n’ingaruka mbi zishobora kuhaba mu gihe Kenya yokwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mbere bakanumviriza umukuru w’igihugu ca kenya, Uhuru Kenyata n’icegera ciwe William Ruto ico babivugako.

Mwokwibuka ko umukuru w’igihugu ca Kenya n’icegera ciwe bagirizwa ivyaha vy’agahoberamunwa vyabaye mu migumuko yakurikuye amatora y’umwaka w’2007 n’2008, aho hapfuye abantu bagera ku 1800. Uko bitegekanijwe, abo bategetsi bompi bategerezwa kurenguka imbere y’ubutungane bw’i La Haye.

Mu gihe vyari bizwi ko Kenyatta na Ruto bari mu migambwe itavuga rumwe muri ayo matora yabaye mu mwaka w’2007 n’2008, baciye bacudika hamwe mw’ihuriro bise mu congereza « Jubilee coalition » bisigura Yubile yo gukorera hamwe, kugira bitegurire amatora y’uwu mwaka w’2013, bongere banahakane ivyo babagiriza.

Abashingamateka bagera kuri 40 basanzwe bari muri benshi bashigikiye Kenyatta na Ruto, barerekanye aho bahagaze, ko bashaka ko Kenya iva muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, mu ntumbero yo kuzimanganya imanza z’abo bategetsi bagirizwa ivyaha vy’agahomeramunwa vyabaye mu mwaka w’2007.

Mu makuru ava mu nama nshingamateka, iciyumviro catanzwe n’abatari bake, ko Kenya yova muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, gishobora gutorwa mu nama nshingamateka, bikazoshobora gutuma Kenya kiba igihugu ca mbere cari muri iyo sentare kivuye mu murwi.

Fadi El Abdallah, umuvugizi wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaragize ico abivugako, avuga ko urubanza rwagirizwa Kenyatta na Ruto rutazohagarara n’ubwo Kenya yahisemwo kuva muri CPI (Cour Pénale Internationale).
Abdallah yongeye aravuga ko n’aho igihugu ca Kenya kiriko kirasaba kuva muri CPI, bitazoshirwa mu ngiro imbere y’umwaka.

JPEG - 11.9 ko
Fadi El Abdallah, umuvugizi wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.