Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umukuru w’umwe mu misigiti y’abasiramu yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umukuru w’umwe mu misigiti y’abasiramu yagandaguwe

Kenya : Umukuru w’umwe mu misigiti y’abasiramu yagandaguwe

mardi 10 Ruheshi 2014

Umukuru w’umusigiti Sakina mu gihugu ca Kenya yishwe arashwe amasasu mu gisagara ca Mombasa, uwo nawe akaba yafatwa nk’umusiramu akomeye cane kandi akunda idini.

Cheikh Mohamed Idris, umukuru w’umusigiti Sakina, akaba yagirizwa kuba acuditse rwose n’abasiramu bo mu gihugu ca Somaliya bo mu muhari wa Al shabaab, ndetse akaba yari yaranatewe n’urwaruka rwinshi mu kwezi kwa Munyonyo umwaka uheze, ariko Imana irakinga ntaco yabaye.

Cheikh Mohamed rero akaba yari asanzwe yagirizwa na Reta ya Kenya ko ari mu bafashanya n’umuhari w’intagondwa wa Al shabaab, kandi ko na rumwe mu rwaruka ruja muri uyo muhari ari mu boba barufasha. Uwo yishwe rero, akaba kuva mu kwezi kwa Ndamukiza yagumye avuga ko yicura abashaka kumugandagura.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.