Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Umukuru wa sentare ntahinyuzwa "ahorwa urubanza rwa Kenyatta" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Umukuru wa sentare ntahinyuzwa "ahorwa urubanza rwa Kenyatta"

Kenya: Umukuru wa sentare ntahinyuzwa "ahorwa urubanza rwa Kenyatta"

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Mu gihe hasigaye munsi y’indwi zibiri ngo habe amatora muri Kenya, umukuru wa sentare ntahinyuzwa, Willy Mutunga, avuga ko yaronse ubutumwa bw’abashaka kumwica burungitswe n’aba Mungiki.

Yavuze ko ikete yaronse riburira abacamanza ngo ntibazohirahire bafate ingingo yobuza kwitoza Uhuru Kenyatta, aharanira kuba umukuru w’igihugu.

Bwana Kenyatta ari mu kwitaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha iri La Haye, kwishura ku vyaha vy’ubwicanyi yagirizwa vyakozwe inyuma y’amatora aheruka muri 2007.

Umukuru wa sentare ntahinyuzwa yagirije abanye politike kuba bari inyuma y’umugambi w’iterabwoba utumbereza abacamanza.

Willy Mutunga avuga ko abacamanza batanu bamaze guterwa muri ino minsi, bamwe bagaterwa n’abantu bitwaje inkoho.

Yanavuze ko mu ndwi iheze hari abagerageje kumubuza gufata urugendo rwo hanze.
Umukuru wa sentare ntahinyuzwa abonwa na benshi ko akora akazi keza mu kuvugurura ubucamanza bwari bwarashegeshwe n’igiturire.

Ubwo butungane kandi nibwo bwitezwe gukora igikorwa gihambaye mu gihe c’amatora.

Willy Mutunga yahamagariye abanye politike ngo bahitemwo hagati yo gutunganya amatora mu mahoro, no gusubiza igihugu mu bwicanyi.


Ngoti Nadege

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.