Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umupasitori yatemwe inyuma yo gufatirwa ku mugore w’abandi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kenya : Umupasitori yatemwe inyuma yo gufatirwa ku mugore w’abandi

Kenya : Umupasitori yatemwe inyuma yo gufatirwa ku mugore w’abandi

mercredi 10 Mukakaro 2013

Umupasitori azwi cane mu gace ka Mwea mu gihugu ca Kenya, yaraye akomerekejwe cane inyuma y’ uko afatiwe ku mugore w’ abandi bariko barasambanira mu murima w’umuceri.

Uwo mupasitori yafashwe n’uwundi mugore yababonye mu murima w’umuceri mu gace ka Mwea. Akibabona yaciye yihutira kuja guhamagara umugabo w’ uwo mugore.

Nk’ uko bimenyeshwa n’uwavyiboneye, yavuze ko yari mu murima uri hafi y’aho abo bompi bari, yumva amajwi y’ abantu bariko baratwenga banezerewe cane, agiye kuraba abo aribo asanga ni uwo mukozi w’ Imana ari kumwe n’umugore w’abandi. Kubera bose yari asanzwe abazi, yaciye yumva umutima umwankiye, bimunanira kwihangana, ahitamwo kwihuta aja guhamagara umugabo w’ uwo mugore.

Umugabo agiheza kuvyumva yafashwe n’ishavu ridasanzwe, ahitana umuhoro aho yari yarawubitse, yiruka aja muri uwo murima aho ivyo bitabanga vyari. Ahashitse yasanze ariho bakiri, aca atemesha uwo mupasitori umupanga yari afise, wa mugore bari kumwe nawe yaciye yiruka yerekeza mu rugo iwabo.

Abagira neza nibo bahamutoye, bamujana kwa muganga, ubu akaba ariko aravurwa.
Ivyo vyabaye bikaba vyateye agashavu abakristo kuko batumva ingene uwari kubabera akarorero ariwe yafashwe ariko ayovya intama.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.