Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe

Kenya : Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yabogojwe

mercredi 3 Kigarama 2014

Abantu bagera kuri 36 nibo bagandaguwe mw’ijoro ryo kuri uyu wa mbere ushira uwa kabiri mu gihugu ca Kenya.

Abo bantu bagandaguwe n’intagondwa z’umuhari wa al shebab mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’ico gihugu kuri uyu wa kabiri Kigarama, bishwe n’izo ntagondwa zivuga ko zitwaza idini rya Islam. Inyuma y’ico gitero, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yaciye abogozwa vyihuta n’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta. Uwo mushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba Joseph Ole Lenku, akaba yabogojwe co kimwe n’umuyobozi mukuru w’urwego rw’igiporisi aho muri Kenya David Kimaiyo.

Uwo wanyuma, uretse ko yabogojwe, akaba yaciye anasabwa gutangura akaruhuko k’abageze mu zabukuru


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.