Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya: Uwahoze ari umumenyeshamakuru aronderwa na sentare mpuzamakungu y’i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya: Uwahoze ari umumenyeshamakuru aronderwa na sentare mpuzamakungu y’i (...)

Kenya: Uwahoze ari umumenyeshamakuru aronderwa na sentare mpuzamakungu y’i La Haye

jeudi 3 Gitugutu 2013

Sentare mpuzamakungu (CPI) yasohoye umutahe wo gufata umugabo yahoze ari umumenyeshamakuru yitwa Walter Barasa, ava mu gihugu ca Kenya, aho yagirizwa niyo sentare ko atanga igiturire, mu kubuza abantu boja kwagiriza umukuru w’igihugu n’icegera ciwe ku vyaha bagirizwa vyo guhohotera agateka ka zina muntu inyuma y’amatora, mu myaka y’2007 n’2008.

Walter Barasa aronderwa na sentare mpuzamakungu

Uyo mugabo w’imyaka 41 y’amavuko, yagirizwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, ko aburagiza amatohoza, mu gushaka gufasha akarwi k’abantu b’abategetsi bo mu gihugu ca Kenya, bagirizwa kuba barahohoteye bimwe bikabije agateka bamwe mu banyakenya, mu gusaba ivyabona ko yobiha amafaranga, ndetse akaba agera aho yemerera isura amafaranga y’amanyaburaya agera ku bihumbi 13, ni ukuvuga amafaranga y’amarundi arenga gato imiriyoni 26, kugira isura ntije kuvuga ivyo izi. Uwo yahoze ari umumenyeshamakuru rero akaba yari mu murwi wari washizweho n’umushikirizamanza kizigenza wa republika mu gihugu ca Kenya, kugira batohoze aboba barakoze nya mabi mu myaka y’2007 n’2008 kugira bashikirizwe ubutungane bw’ico gihugu.

Fatou Bensouda arongoye sentare y'i La Haye

Ku bwa Fatou Bensouda arongoye sentare y’i La Haye mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 Gitugutu, yavuze ko amabi yakozwe mu gihugu ca Kenya atakozwe n’umuntu umwe, yakozwe n’abantu benshi, bayakorera isinzi ry’abantu, ari naco gituma yasavye Leta ya Kenya ko yokorana neza n’iyo sentare, kugira abagirizwa bose babazwe n’ubutungane yaba mpuzamakungu canke ubwa Kenya kugira ukuri kuje ahabona. Bensouda rero akaba yavuze ko kuba barunitse uwundi mutahe muri kenya w’ugusaba ihagarikwa ry’uyo yahoze ari umumenyeshamakuru, ari akaryo keza ko kwerekana ugushaka gufashanya n’ico gihugu mu nzira y’ugushira ukuri ahabona.

Barasa Walter rero ku bwiwe akaba yabariye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ko atumva impamvu yotuma ahagarikwa, mu gihe atakosa na rimwe azi rimwagira, ndetse akaba anavuga ko atamategeko azi yarenze mpuzamakungu. Hamwe rero Barasa yokwagirwa n’icaha, akaba yopfungwa imyaka igera kuri itanu.

Tukaba twobibutsa ko ikubagurwa ryagiriwe abanyakenya inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2007, yahitanye abantu bagera ku gihumbi mu gihe abandi ibihumbi 600 bataye izabo, barahunga.

ubwicanyi bwahitanye abantu 1000
Impunzi inyuma y'amatora yo mu 2007

Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.