Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : William Ruto aritaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : William Ruto aritaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha

Kenya : William Ruto aritaba sentare mpuzamakungu mpanavyaha

lundi 9 Nyakanga 2013

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya, William Ruto, ari mu rugendo agana i La Haye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

William Ruto, n’umukuru w’igihugu ca Kenya, Uhuru Kenyatta bagirizwa ivyaha vy’ubwicanyi bwakurikiye umutekano muke wabonetse inyuma y’amatora yo mu mwaka 2007. Abo bategetsi bompi uko ari babiri barahakana ivyo birego. N’aho biri uko, urubanza rwa William Ruto rutegekanijwe kuzotangira ejo aho bukera kuwa kabiri.

Uhuru Kenyatta yamenyesheje ko yasavye sentare mpuzamahanga mpanavyaha guhindura igenekerezo urubanza rwiwe, n’urw’icegera ciwe William Ruto bizoberako.

Urubanza rw’umukuru w’igihugu Uhuru Kenyatta rwo rutegekanijwe kuzosasa mu kwezi kwa Munyonyo.

Mwokwibuka ko ku munsi wa kane w’indwi iheze ariho inama nshingamateka ya Kenya yemeza itegeko rivana Kenya mu bihugu vyateye umukono ku masezerano yo gukorana na sentare mpuzamakungu mpanavyaha.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.