Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : William Ruto azoburanira i La Haye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : William Ruto azoburanira i La Haye

Kenya : William Ruto azoburanira i La Haye

mercredi 17 Mukakaro 2013

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ku munsi w’ejo yaravuze aho ihagaze ku bijanye n’aho urubanza rwa William Ruto ruzoburanishirizwa.

Icegera c’umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto azotegerezwa kuburanira i La Haye mu gihugu ca Pays-Bas.

William Ruto yagirizwa ivyaha vy’agahomerabunwa mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu mwaka w’2007, aho abanyagihugu barenga igihumbi bitavye Imana.

Ababuranira William Ruto bari basavye ko urubanza rw’ico cegera c’umukuru w’igihugu rwoburanishirizwa ahandi nko muri Kenya canke muri Tanzaniya, ariko ivyo bisabwa bikaba bitashobotse.

Mwomenya ko iyo vyemerwa ryari kuba ribaye irya mbere mu mateka ya sentare mpuzamakungu mpanavyaha, aho urubanza rw’ivyaha vy’agahomerabunwa ruciriwe ahandi atari i La Haye mu gihugu ca Pays-Bas.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.