Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kenya : William Ruto yemerewe gutaha mu gihugu ciwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kenya : William Ruto yemerewe gutaha mu gihugu ciwe

Kenya : William Ruto yemerewe gutaha mu gihugu ciwe

mardi 24 Nyakanga 2013

Inyuma y’aho abarwanyi ba Al Shabab batereye inyubakwa y’ubudandaji mu gihugu ca Kenya, ndetse abantu barenga 69 bakahasiga ubuzima, abandi bafatwa nk’ imbohe, sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaciye iha uburenganzira icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya William Ruto, atahe kugira aje kuraba uko vyifashe mu gihugu iwe.

Bivanye n’igitero cabaye mu gihugu ca Kenya, urwego rw‘abacamanza rwafashe ingingo yo kureka icegera c’umukuru w’ igihugu wa Kenya, william Ruto, kugira areke kwisigura imbere ya sentare ikiringo c’indwi imwe gusa. Vyamenyeshejwe n’umucamanza Chile Eboe-Osuji igihe yatanga umubonano i La Haye’’ ahasanzwe hakorera sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Ariko naho bamuhaye indwi imwe, abamuburanira bo bari bamusabiye indwi zibiri.

William Ruto w’imyaka 46 akaba ari umutegetsi wa mbere aciriwe yitavye sentare mpuzamakungu mpanavyaha akiri mu mabanga yiwe, kandi ingingo yafashwe ku musi w’ejo yo kumutezurira ni irya mbere biba kuva iyo sentare mpuzamakungu mpanavyaha itangura gukora mu mwaka w’2003.

William Ruto inyuma yo kumurekura yagize ati : Ndizera ko ku mugoroba nza kuba nageze muhira kugira ngire ico mfashije igihugu canje nk’icegera c’umukuru w’igihugu. Ibi ni ibihe bigoye cane ku gihugu cacu.’’

Uwubaranira William Ruto, imbere y’abacamanza yagize ati : "Mbega iyo aba igihe Leta zunzubumwe z’Amerika ziterwa mu gitero co kuwa 11 Nyakanga, abategetsi baho bari mu bihe nk’ivyo William Ruto arimwo, bari kwanka ko baja kuraba ivyabaye? Ivyashikiye Kenya tubifata nk’ivyashikiye Leta zunzubumwe z’Amerika kuwa 11 Nyakanga 2001".

Mwokwibuka ko William Ruto yagirizwa ivyaha vyo mu ntambara vyabaye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2007. Abahitanwe n’uwo mutekano muke wakurikiye amatora y’umukuru w’igihugu baharurwa mu gihumbi, hamwe n’abandi ibihumbi n’ibihumbi bateshejwe izabo.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.