Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Kigwati 1, Kigwati 2, ni nde araranye umugore atari uwiwe ?’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > ’’Kigwati 1, Kigwati 2, ni nde araranye umugore atari uwiwe ?’’

’’Kigwati 1, Kigwati 2, ni nde araranye umugore atari uwiwe ?’’

vendredi 4 Nzero 2013

Abarundi nibo bayamaze ngo intambara umenya uko uyitangura mugabo ntumenya uko uyiheza. Umugabo umwe wo mu ntara ya rugu bidakenewe ko twirirwa turayivuga niwe azi ko uwo mugani ari wo.

Umunsi umwe umugabo yaratashe muhira iwe k’umugoroba hama sinzi ikintu batumvikanye ko n’umugore wiwe aca atangura kumukubita nk’inka irya urugo. Umupfasoni wiwe sinzi ukuntu yamuciye mu maguru aca atungwa nayo yameze ahungira mubabanyi.

Kubera naho yamukubita atamwanka gose, uwo mugabo aca aja mu vyambu kurondera umugore wiwe ngo ntahave ahura n’isanganya kuko bwari butanguye kwira. Aca afata ca cuma gishikana amajwi kure yahora akoresha mugutumira mu nama abanyagihugu kuko yarasanzwe ariwe arongoye umutumba babako.

Kubera uwo mutumba wariko ibigwati bibiri yagenda arasemerera ati : « Kigwati 1, Kigwati 2, ni nde araranye umugore atari rwiwe ? » Abari banyegeje uywo mugore baca baritwengera bati: “ None uwiwawe umuheruka he ?” Bukeye baraheza uyo mugabo bamuca inzoga bongera bamwihaniza kuzosubira gusinzikaza igufa ry’umufasha wiwe.

N’ubu bibaniye urwa karamata.


René Dieudonné Kamaro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.