Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kimwe mu birangaminsi vyo mu mwaka w’2014 giteye ubwoba abantu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kimwe mu birangaminsi vyo mu mwaka w’2014 giteye ubwoba abantu

Kimwe mu birangaminsi vyo mu mwaka w’2014 giteye ubwoba abantu

lundi 2 Kigarama 2013

Umwaka ugira urangire. Abandaza canke abikorera ivyabo bariko bakora ibirangaminsi vy’umwaka w’2014. Inyuma y’ikirangaminsi kiriko ifoto ya Carmen Electra (umukinyi w’amareresi kandi n’umuririmvyi), canke iyiriko inkumi n’imisore beza kuruta abandi, iya sohotse ivuye mu gihugu ca Pologne y’umudandaza Lindner w’amasandugu bahambamwo abantu iratangaje.

Uwo mudandaza w’ama sandugu (cerceuils), yahitanye abakobwa bambaye izuba, abaryamika hejuru y’amasandugu yiwe, hanyuma akabafata amasanamu. Ivyo yama abikora ukwo umwaka utashe. Mu mwaka uheze, ishengero rya Katorika ryo mu gihugu ca Pologne ryararengewe n’ukuntu Lindner (umudandaza) afata abantu bazima bambaye izuba, akabaryamika mw’isandugu nk’abapfuye. Iryo sengero ribona ko Lindner yashatse kuvuga ko umuntu yemera kwifotoza yambaye ubusa yogereranywa n’uwapfuye.

Nyene urwo ruganda yabisiguye avuga ati: « Abantu biyumvira isandugu (cercueils) ukutarikwo, ego irababaje itwawemwo uwawe, ariko naho itobaho, abantu bopfa kandi bagahambwa mu kintu bokwita ukundi. Nagize ibi, kugira abantu bareke kuyitinya, bayiyumvemwo nk’ibindi bikoresho bishobora gutunga ababikoresha, nk’igitanda umuntu aryamako. Vyongeye, si ikimenyetso Rukristo. Kuki none abantu batinya isandugu, ariko ntibatinye birya bintu bisiga, impuzu bambara canke ibindi?

Abo bakobwa bemera ko bafatwa amasanamu bicaye canke baryamye kuri izo sandugu bambaye izuba, bababariko baca amahera kuko iryo shirahamwe riraheza rikabahemba.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Murabivuze. Koko umuntu yerekana ubwambure bwiwe nicokimwe n’uwuri mw’isandugu. Abo bakobwa bo baca amahera, ariko kugira uyo muntu azane abakobwa kandi bari gusa, murumva ko ar’ibintu vy’amadayimoni akoresha.

  • eregabosebarapfuye bahisha umunukogusa kukontawiyamburakumutaga atagwayemumutwe canke ngwabe aryamye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.