Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinama : Abakenyezi mw’ishirahamwe ry’ukurwiza umwimbu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Kinama : Abakenyezi mw’ishirahamwe ry’ukurwiza umwimbu

Kinama : Abakenyezi mw’ishirahamwe ry’ukurwiza umwimbu

jeudi 17 Gitugutu 2013

Abakenyezi bo mu gisagara ca Bujumbura bijukiye amashirahamwe mu ntumbero yo kurwanya ubukene buzingamitse imiryango imwe imwe. Aha twovuga nk’ishirahamwe turwizumwimbu ryo muri komine ya Kinama iri mu gisagara ca Bujumbura.

Abakenyezi bahurikiye muri iryo shirahamwe bakaba bamenyesha ko biyumviriye gutangura ishirahamwe kugira barwanye ubukene n’inzara, mu gihe umenga abagabo b’abarundi nibo usanga bategerezwa kuriha inzu, kuriha amashure y’abana, gusuma imfungurwa, n’ibindi. Abo bakenyezi rero bakaba bafashe uyo mugambi mu ntumbero yo gushigikira abagabo babo mu bikorwa vyo gushigikira urugo.

Ku bwa Sada Nsengiyumva icegera c’umukuru w’ishirahamwe avuga ko abakenyezi b’abarundikazi bakwiye guhindura ingendo, bakaja mu bikorwa nabo vyotuma ubutunzi bwisununura mu miryango yabo. Abo bakenyezi rero bakaba bahurira hamwe mu bikorwa vy’uburimyi bw’umuceri, itomate, ibigori, imyumbati n’ibindi.
Iryo shirahamwe rimaze amezi umunani gusa ritanguye rikaba rimaze kuronswa imfashanyo z’impene n’ishirahamwe ry’ukurwiza umwimbu n’iterambere COPAO, iryo shirahamwe ariko rikaba rishobora n’ukworora inka nk’uko bibandanya bimenyeshwa n’umupfasoni Sada.

Mu bikorwa vy’iryo shirahamwe, Sada amenyesha ko bategura inyigisho z’ukwigishanya ukwo botegura imfungurwa, isuku ryo mu nzu, amabanga yo mu rugo, umubano mwiza n’uwo bubakanye, ukwishira bakizana mu bikorwa vy’ubutunzi biraba urugo, n’ibindi. Abo bakenyezi rero bahurikiye muri iryo shirahamwe Turwizumwimbu bakaba bamenyesha ko ikibazo c’inzara, ibura ry’amafaranga y’ishure y’abana bagisezereye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.