Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kinshasa : Umukuru w’umugambwe MLC mu ntara y’Ubumanuko yagandaguwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kinshasa : Umukuru w’umugambwe MLC mu ntara y’Ubumanuko yagandaguwe

Kinshasa : Umukuru w’umugambwe MLC mu ntara y’Ubumanuko yagandaguwe

lundi 25 Munyonyo 2013

Umutegetsi wo mu mugambwe MLC, umugambwe ugira kabiri muyitavuga rumwe na Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaragandaguwe mu gisagara ca Kinshassa, mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira iryo kuw’Imana.

Lajos Bidiu Nkebi arongoye umugambwe MLC (Mouvement de Libération du Congo) mu ntara y’amaja epfo ya Congo yarishwe imbere y’urugo rwiwe n’abantu bari bitwaje ibirwanisho, nk’uko bimenyeshwa na Germain Kambinga, umuvugizi w’umugambwe MLC. Amakuru ava muri iyo ntara uwo munyamugambwe yagandaguriwemwo amenyesha ko Lajos Bidiu Nkebi yari avuye mu rubanza rw’ubugeni, aho yaterwa n’abantu batatu binyegeje mu maso, kandi bitwaje ibirwanisho. Abo bantu babanje kumusaba amafaranga imbere y’uko birukanwa n’urwaruka rwari muri iyo micungararo, bahamagawe n’urwamo rw’impari vyariko biterwa na Lajos Bidiu Nkebi hamwe n’abo bitwaje ibirwanisho. Imbere y’uko bagenda, basize bamurashe amasasu atatu : abiri mu nda na rumwe mu kuguru.

Lajos Bidiu Nkebi abaye uwugira gatatu agandaguwe mu ndongozi za MLC kuva mu mwaka w’2008. Ku genekerezo rya 22 Munyonyo 2011, umushingamateka Marius Gangale yaragandaguwe n’abantu bitwaje ibirwanisho i Kinshasa, mu gihe yariko yurira mu muduga wiwe. Ku genekerezo rya 6 Mukakaro 2008, Daniel Botheti, icegera c’umukuru w’inama nshingamateka y’intara ya Kinshasa yaragandaguwe kandi yari acunzwe n’uwari ajejwe kurinda ubuzima bwiwe.

Tubamenyeshe ko umugambwe MLC ariwo ugira kabiri mu migambwe itavuga rumwe na Reta ya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Ku bashingamateka 500, uwo mugambwe ufise abaharurwa muri 30. Umukuru wawo, Jean-Pierre Bemba, ariko akurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, i La Haye, mu gihugu ca Pays-Bas. Yagirizwa ivyaha vyo gusinzikariza ubuzima kiremwa muntu, hamwe n’ivyaha vyo mu ntambara, bivugwa ko vyakozwe n’urwaruka rwo mu mugambwe wiwe, mu mwaka w’2002 n’uw’2003 muri Centrafrique.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.