IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Abasuma karuhariwe bafashwe

Kirundo : Abasuma karuhariwe bafashwe

jeudi 4 Nyakanga 2014

Abasuma bari bagisibije mu ntara ya Kirundo bafashwe aho abanyagihugu bafashanije n’abajejwe umutekano, izo nkozi z’ikibi zafatiwe muri komine ya Gitobe.

Muri abo basuma bafashwe bari bamaze iminsi bagisibije muri iyo ntara na cane cane muri komine ya Kirundo, babiri bakaba bari batezuriwe mu gihe bari bamaze iminsi bapfungiwe mu mabohero ya Rumonge na Ngozi. Abo bafashwe bakaba bari barahahamuye abanyagihugu, aho atawari agicaruka ku masaha yo ku mugoroba.

Amakuru ava mu giporisi mu ntara ya Kirundo avuga ko abo bafashwe bari bamaze iminsi bariko bararonderwa, ndetse hakaba haciye hatangwa n’amazina y’abandi basuma b’ikomvyo bane nabo nyene bariko bararonderwa.

Abanyagihugu bo mu ntara ya Kirundo rero bakaba basabwa gufashanya n’inzego z’umutekano, intwaro n’ubutungane, mu gushengeza abo bose bagize umwuga ubusuma, bashaka kwama barya ivyo batabiriye akuya.


Aristide Nizigire

Messages

  • Kombona agateka kibisuma mu Burundi kataroko karubahiriza mwinomisi Mbomimpa afunzwe?

  • ni muduhe amazina y’abo basuma turayakeneye kandi muyarondere kuko iyo nkuru ntiba ikwiye kugira abantu bayikunde, nmurabe mubaze amazina y’abarko bararonderwa muyashireko tubafashe kubarondera twebwe tubana mumihana iwacu

  • IVYOBISUMA.MUBIGWANYE MWIVUYE INYUMA NIVYO BITUMA .UBURUNDI BUTATERA ,IMBERE MUBAGWANYE .MUBAHANA VYAKARORERO .HAMWE NUWUNDI AZASHAKA KUGIRA .IYONGESO .AZATINYA.!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.