IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Amatati y’amatongo abandanya kwiha inkumbi

Kirundo : Amatati y’amatongo abandanya kwiha inkumbi

mardi 22 Mukakaro 2014

Amatati y’amatongo abandanya kwiha inkumbi mu ntara z’Uburaruko bw’Uburundi, aho mu ntara ya Kirundo komine Bugabira, umukenyezi yahasize ubuzima, azize indyane z’amatongo.

Spéciose Kubwimana niwe yagandaguwe atewe igisasu ntezwaminwe mw’ijoro, mu gihe bari bahejeje gufungura bagire baryame. Nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro, umugizi wa nabi, akaba ariho yacisha ico gisasu mw’idirisha, gica gihitana uwo mukenyezi, nayo umugabo wiwe, abana babiri n’umuvukanyi w’uyo nyakwigendera baca bakomereka cane, bakaba bariko baravugwa mu bitaro vyop mu ntara ya Kirundo

Muri komine ya Bugabira, umusozi wa Kiyonza ahabereye iryo bara, bikavugwa ko uwukekwa kuba ariwe yakoze iryo shano, ariko arabazwa mu giporisi ku mvo z’amatohoza, ariko amatati y’amatongo akaba ariyo yoba aza imbere.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.