IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo: Umugabo wo ku mutumba wa Mugobe yishe umugore wiwe

Kirundo: Umugabo wo ku mutumba wa Mugobe yishe umugore wiwe

vendredi 25 Nyakanga 2015

Umugabo azwi kw’izina rya Niboye Leonidas w’imyaka 43 yarishe umugore wiwe ,mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015,ku mutumba Mugobe,zone Musebwa,Komine Busoni mu ntara ya Kirundo.

Umugore yishwe yitwa Rwasa Pelouse w’imyaka 42.Amakuru ava aho i Mugobe,amenyesha ko hari nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro kuwa kane,igihe umugabo wa Rwasa Pelouse yashika muhira asanga umugore wiwe ariko ashwana n’abana.

Umugabo yaciye akubita umugore gushika aho ata ubwenge.Ababanyi bumvise urwamo baje gutabara basanga Rwasa Pelouse yamaze guta ubwenge,baca bamujana kwa muganga ariko aca aracikana.

Amakuru ava mu bajejwe umutekano aho mu Kirundo amenyesa ko Niboye Leonidas ari mu minwe y’igipolisi,kandi ko amatohoza yamaze gutangura.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.