Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kivu : Igisirikare kiguma gitera ibisasu ku birindiro vya M23 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kivu : Igisirikare kiguma gitera ibisasu ku birindiro vya M23

Kivu : Igisirikare kiguma gitera ibisasu ku birindiro vya M23

mardi 23 Mukakaro 2013

Ingwano irabandanya hagati y’igisirikare ca Congo hamwe n’imirwi irwana yo muri M23. Kuwa 22 Mukakaro, impande y’igisagara ca Goma umurwa mukuru w’intara yo mu buseruko bwa Congo, umutekano uguma uhungabana. Ibintu bikaba bimeze nabi n’ubu hafi y’igisagara ca Goma. Imishamirano hagati y’abarwanyi ba M23 hamwe n’abasirikare ba Congo yasubiriye kuva kuwa 23 Mukakaro mu gatondo.

Umuvugizi w’uyo murwi w’abarwanyi ba M23, Col. Vianney Kazarama amenyesha ko igisirikare ca Congo cakoresheje za kajugujugu kugira bashobore gutera ibirindiro vy’uwo murwi M23, mu karere ka Kibati na Uvira. Col. Vianney Kazarama yasiguye ko muri M23 bafise ubushobozi bwo gushika i Goma, mugabo atariyo ntumbero yabo, ariko yamenyesheje ko intumbero ari ukuzana Leta ya Congo mu biganiro.
Gushika ubu, ibimaze kwononekara ntibiramenyekana.

Ku ruhande rwa Leta, mw’itangazo bashize ahabona kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 22 Mukakaro 2013, umuvigizi wa Leta ya Congo nawe yagirije umurwi w‘abarwanyi ba M23 ko bishe, barafata ku nguvu, barasahura amazu yo ngaho na cane cane mu buseruko bw’igihugu.


Floxella Karire

Messages

  • ntibanjye mumishyikirano naho ubundi ntacho intabaraizajeraho ahumbyo igihugu cha congo cyi zahahobera byishi kizabura abaturange dentse nta basirikare nibicharane mazebarebe igitera intabara maze bagihe igizubizo gihamye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.