Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kivu : Monusco iriregura ku myidogo y’abanyagihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kivu : Monusco iriregura ku myidogo y’abanyagihugu

Kivu : Monusco iriregura ku myidogo y’abanyagihugu

samedi 20 Mukakaro 2013

Inyuma y’iminsi ibiri intureka yacureshe mu buseruko bwa Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo aho hari hamaze iminsi habera ingwano hagati y’igisirikare n’abarwanyi ba M23, abanyagihugu baridogera igikorwa ca Monusco. Icuka ntikiraba ciza hagati y’abanyagihugu n’ingabo za ONU.

Ku munsi w’ejo kuwa gatanu, i Goma, haradutse iyindi myiyerekano. Abanyagihugu bagiriza ingabo z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko zitariko zirashigikira bimwe biboneka abasirikare ba Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo hamwe n’uko ONU itariko iragondoza ubutegetsi bwa Kinshassa ko bwohagarika ingwano.

Abdallah Wafy, icegera c’umukuru wa MONUSCO muri Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo yaragize ico ashikiriza kuir iyo myidogo y’abanyagihugu, aho yamenyesheje ko ingwaro iri muri ako karere atari iya gisirikare. Abdallah Wafy yasavye ahubwo ko ivyo impande zose ziyemeje n’amasezerano yagizwe mu mugambi w’amahoro vyokwubahirizwa kuko arivyo vyotanga inyushu irama ku mpande zose.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.