Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koffi Annan asaba abanya Kenya kwisubirako - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Koffi Annan asaba abanya Kenya kwisubirako

Koffi Annan asaba abanya Kenya kwisubirako

samedi 23 Ruhuhuma 2013

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU, Koffi Annan, yasavye abanya Kenya kwigumya ngo amatora yimirije ntaze abemwo ubwicanyi.

Mw’ikete ryashizwe ahabona yavuze ko uruhagarara rubandanya kwiyongera imbere y’amatora, rutumye haba umwitwarariko ntangere.

Nk’uko amakuru dukesha BBC abimenyesha,Koffi Annan yarafashije cane mu gushika ku mwumvikano wahagaritse ubwicanyi inyuma y’amatora yo muri 2007.

Kuwa Gatanu igipolisi ca Kenya cavuze ko catoye inzandiko zitagira umukono zihamagarira abantu gucanamwo, ziriko ziratangwa mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Amatora y’umukuru w’igihugu azobamwo uguhiganwa gukomeye cane hagati y’umushikiranganji wa mbere Raila Odinga na Uhuru Kenyatta.

Kenyatta yagirizwa na sentare mpuzamakunkungu mpanavyaha kugira uruhara mu bwicanyi bwakurikiye amatora yo mu 2007, aho abantu barenga igihumbi bahasize ubuzima.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.