Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kofi Annan: Africa itakaza vyinshi mu masezerano yo mu kinyegero - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kofi Annan: Africa itakaza vyinshi mu masezerano yo mu kinyegero

Kofi Annan: Africa itakaza vyinshi mu masezerano yo mu kinyegero

samedi 11 Rusama 2013

Amayeri yo kudatanga amakori, amasezerano yo mu kinyegero yo kwimba ubutare n’amabuye y’agaciro hamwe n’ukurungika amafaranga hanze bituma Africa itabona inyungu iva mu butunzi kamere ifise, nk’uko bivugwa n’uwahoze ari umunyamabanga mukuru wa ONU Kofi Annan.

Amahinguriro arungika amafaranga mu bihugu bitangisha ikori rito atwara Africa imiliyaridi 38 z’ama dollars(miliardi $38) ku mwaka, nk’uko biri mu cegeranyo c’abahinga barongowe na Kofi Annan.

’’Africa itakaza incuro kabiri muri ubwo buryo ugereranije n’amafaranga ihabwa n’abayifasha, niko Kofi Annan yabwiye BBC. yavuze ko umenga ni nko gukura ivyo kurya ku meza y’umukene.

Ico cegeranyo bise Africa Progress Report cama gisohoka mu kwezi kwa gatanu-gitegurwa n’abahinga 10,harimwo uwahoze ari umukuru wa Nigeria Olusegun Obasanjo na Graca Machel, umugore w’uwahoze ari umukuru wa Africa y’Epfo Nelson mandela.
Annan avuga ati: ibihugu vyo muri Africa bikorera mu gipfungu bikeneye guteza imbere intwaro ibereye kandi ko ibihugu bitunze cane bikwiye gufasha gushinga amategeko ajane no gukorera ku mugaragaro no gutanga amakori.

Ico cegeranyo catanze akarorero kuri Republika Iharanbira demokrasi ya Congo aho hagati ya 2010 ba 2012 impusha 5 zo kwimba amabuye y’agaciro n’ubutare zatanzwe ku mafaranga make cane kandi mu buryo budasobanutse kandi buciye mu kinyegero.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.