Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kofi Annan asaba abayobozi b’Afrika kutikura muri sentare mpuzamakungu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kofi Annan asaba abayobozi b’Afrika kutikura muri sentare mpuzamakungu (...)

Kofi Annan asaba abayobozi b’Afrika kutikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha

mardi 8 Gitugutu 2013

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Kofi Annan, asaba abayobozi b’Afrika ko mu nama buca bahuriramwo i Addis Abeba, ko batohirahira ngo bemeze ingingo y’ukwikura muri sentare mpuzamakungu kuko ryoba ari i bara kuri Afrika.

Igihe yari ku munsi mukuru ejo kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu mu gihugu ca Afrika y’Epfo, aho musenyeri Desmond Tutu yari aramutse ahimbaza isabukuru y’imyaka 82 y’amavuko, Kofi Annan yaragize ico avuga ku bijanye n’ingingo yoba ishobora kuzemezwa mu nama idasanzwe y’abakuru b’ibihugu n’amaleta agize ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika, izoba kuri uyu wa gatanu na gatandatu uza. Abandanya avuga ko hari abategetsi bamwe b’Afrika barwanira sentare mpuzamakungu n’abandi batayemera.

Abo rero batarekwa iyo sentare, hamwe boja mu matwi abandi bose bakemereza hamwe ko bavuye muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha, bamenye ko bazoba bambitse biyambitse ibara, bongera baryambika n’ibihugu bazoba baserukiye. Uwo yahoze ari umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU asanzwe anavuka mu gihugu ca Ghana, ariyamiriza abavuga ko iyo sentare iri i La Haye yoba icira imanza gusa abayobozi b’Afrika, avuga ko ivyo atari vyo, ahubwo ari akamenyero ka bamwe mu banyafrika badashaka ko ivyaha bihanwa nk’uko abandanya abinegura.

Abategetsi nka Charles Taylor aherutse gucibwa imyaka 50 yo gupfungwa mu gihe abandi nk’umukuru w’igihugu ca Kenya ahari ubu n’icegera ciwe nabo nyene basanzwe bafise ivyo bagirizwa n’iyo sentare nyene, ku vyaha vy’ukurengera agateka ka zina muntu.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.