Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kongo :Abamenyeshamakuru 4 bagirizwa gutera ubwoba umukuru w’inama (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Kongo :Abamenyeshamakuru 4 bagirizwa gutera ubwoba umukuru w’inama (...)

Kongo :Abamenyeshamakuru 4 bagirizwa gutera ubwoba umukuru w’inama nshingamateka

jeudi 2 Rusama 2013

Aba menyeshamakuru bane bo muri Congo Kinshasa bagirizwa ko boba barateye ubwoba umukuru w’inama nshingamateka w’ico gihugu Aubin Minaku.
Abo bamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru “Le monde”,”Le réseau”,” Le monitor” na “Le future” bikorera i Kinshasa.

Radio Okapi imenyesha ko abo bamenyeshamakuru Albert Tshibende, Norbert Nkonde, Pascal Mulunda na Jenny Avedila batawe muri yompi kuri uyu wa kabiri mu gihugu ca Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bakaba bagirijwe n’ubutungane ko bitwaje izina rikomeye bafise mu binyamakuru baca bashaka ku mukanga.

Aubin Minaku avuga ko ku wa mbere, yabonye abo bamenyeshamakuru baza arabakira azi ko bashaka amakuru, haheze akanya baciye bamwereka ibinyamakuru bari banditse bamuvuga nabi, baciye bamusaba ko yobaha ama faranga ngo ntibabisohore.

Aya makuru kandi aremezwa na Mulenga Mwalaba Sam, umunyamabanga wa mbere mu vy’ubutungane mu biro vy’umukuru w’inama nshingamateka. Yagize ati "Abo bagabo, baje bavuga ko bateguye inkuru zituvuga nabi, ko babifitiye n’ivyemezo kandi ko ayo makuru bayahawe n’abayobozi bakuru mu biro vy’inama nshingamateka.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.