Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea:Abaserukira ibihugu basabwa kuvana abakozi babo mu gisagara - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea:Abaserukira ibihugu basabwa kuvana abakozi babo mu gisagara

Korea:Abaserukira ibihugu basabwa kuvana abakozi babo mu gisagara

vendredi 5 Ndamukiza 2013

Koreya ya ruguru yabwiye abaserukira ibihugu vyabo i Pyongyang, harimwo Uburusiya n’Ubwongereza gutangura kwiyumvira kuvana abakozi babo muri ico gisagara.

Ivyo bisabwe mu gihe inkuru zitaremezwa ziva muri Koreya y’epfo zivuga ko Koreya y’epfo zivuga ko iya ruguru yashize ibisasu bibiri vya missile birasa ahatari kure cane ku vyuma bibitera kandi bishobora kuvanwa hamwe bikajanwa ahandi.

JPEG - 20.5 ko

Iyo ibaye ingaruka y’icuka kiguma kiba kibi kuruta hagati ya Koreya zompi.
Hagati aho, Korea y’epfo yasohoye ubwato bubiri bw’intambara buriko ubuhinga bwo kwikingira ibitero vya missile , umunsi umwe inyuma yaho Koreya ya ruguru ishobora kuba yajanye igisasu ca missile ku nkengera yo mu buseruko.

Abategetsi ba gisirikare muri Koreya y’epfo babwiye abamenyeshamakuru ko ubwo bwato buja kurungikwa ku nkengera zo mu buseruko no mu burengero.
Ariko Seoul ntiyatewe ubwoba cane n’ico gisasu Koreya ya ruguru yunguruje, abategetsi ba Koreya y’epfo bakibaza ko ahanini zishobora kuba ari ku mvo zo kugerageza ico gisasu.

Muri iyi minsi iheze Koreya ya ruguru yagumye ishikiriza amajambo y’iterabwoba no guhiga na cane cane ko izogira ibitero kuri Leta Zunze ubumwe za Amerika.
Kimwe mu bibanza Pyongyang yavuze ko yoherako mu gutera n’izinga rya Guam riri mw’ibahari Pacifique ririko ikambi ya gisirikare y’abanyamerika.

Kuri uyu wa kane abanyamerika baremeje ko bazoshira kuri iryo zinga uburyo bwo kwirinda missile nk’inyishu kuri iryo terabwoba rya Korea ya ruguru. Koreya y’epfo ivuga ko ari ukwama igavye.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.