Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea y’uburaruko yasubiye kugerageza inguvu zayo za nucleaire - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea y’uburaruko yasubiye kugerageza inguvu zayo za nucleaire

Korea y’uburaruko yasubiye kugerageza inguvu zayo za nucleaire

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Korea y’uburaruko yasubiye kugerageza inguvu zayo za nucleaire, isuzugura ingingo y’umuryango mpuzamakungu ONU wayigabishije.

Vyatumye Ubushinwa, igihugu conyene gisigaye kinywanye na Korea y’uburaruko, vyiyamiriza iryo gerageza co kimwe n’ibindi bihugu hirya no hino kw’isi.

Ikigo mpuzamakungu kijejwe kurereka ikoreshwa ry’inguvu za nucleaire kiri i Vienna, cavuze ko iryo gerageza, rya mbere rigizwe kuva Kim Jong-un yaja ku butegetsi, rirusha ubukomezi inshuro zibiri iryagizwe na Korea y’uburaruko nyene mu 2009.

JPEG - 14.4 ko

Ibiro bitara amakuru vy’ico gihugu vyavuze ko iryo gerageza ryakoresheje igikoresho gitoyi, catanze inguvu nyinshi cane z’uguturika.

Ababikurikiranira hafi bavuga ko ico gikoresho caturikirijwe mu kuzimu, gishobora gutuma Korea y’uburaruko itera intambwe nini mu nzira yo gukora igisasu ruhonyanganda gitoyi gishobora gushirwa mu kigendajuru ca misile kiraswa kure cane.

Ubushinwa bwagaragaje ko budashigikiye na gato igerageza rya Korea y’uburaruko, bukaba bwabariye ico gihugu ko bishobora guhungabanya akarere, ariko kandi busaba abategetsi b’amakungu kuvyitwaramwo buhoro.

Umukuru w’igihugu wa Amerika Barack Obama yavuze ko iryo gerageza ari agasomborotso karengeje, nayo ishirahamwe ry’abivunira umwanshi hamwe OTAN, rivuga ko ari ukutabinegwa.

Ubuyapani buvuga ko bwihandangirije bwivuye inyuma Korea y’uburaruko, nayo iy’ubumanuko ikaba yaciye imera magabo.

Ariko Irani yavuze ko ibihugu bisanzwe bifise ibirwanisho ruhonyanganda, bigomba kubanza kubisambura imbere yo kubwira abandi ngo bareke kuvyubaka.

Vyitezwe ko umugwi w’umutekano wa ONU uhura uno munsi kugira uganire kuri ico kibazo.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.