Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya ya ruguru: Abategetsi baserukira ibihugu vyabo banse (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya ruguru: Abategetsi baserukira ibihugu vyabo banse (...)

Koreya ya ruguru: Abategetsi baserukira ibihugu vyabo banse gutahuka

dimanche 7 Ndamukiza 2013

Abategetsi baserukira ibihugu vyabo mu gihugu ca Korea ya ruguru ejo ku musi wa gatandatu, bari bakiri ku murwa mukuru Poyongyang.

Amakuru ariko aratangazwa avuga ko basa n’abatariko barava mur’ico gihugu, naho Leta ya Korea ya ruguru, yari yasavye ko batahuka mu bihugu vyabo kubera imvo z’umutekano.

Amakuru ava mu bihugu vyo mu burengero abo bategetsi baserukira ibihugu vyabo, mu gihugu ca Korea ya ruguru, bihojeje ako kamo kabasaba gutahuka, kandi ngo benshi muribo, bavuga kw’umugambi nyamuru w’igihugu ca Korea ya ruguru, ar’ugutera uruhagarara mur’iyo ntara ya za Korea.

Igihugu ca Korea ya ruguru, cari cabwiye abategetsi baserukira ibihugu vyabo hamwe n‘amashirahamwe mpuzamakungu, ko gishobora kubakingira gushika kw’igenekerezo rya 10 gusa, ry’ukwezi kwa kane.

Igihugu c”Uburusiya hamwe n’igihugu c’Ubwongereza, ku musi wa gatanu, vyaratangaje kw’ata mugambi bifise wo gukura mu gihugu ca Korea ya ruguru abakozi bavyo.


Jean de Dieu Munyembabazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.