Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea ya ruguru n’iy’epfo bateguye ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea ya ruguru n’iy’epfo bateguye ibiganiro

Korea ya ruguru n’iy’epfo bateguye ibiganiro

lundi 10 Ruheshi 2013

Korea ya ruguru na Korea y’epfo bigiye gutangura ibiganiro vyo ku rwego rwo hejuru, hirya y’ejo ku musi wa gatatu, ku murwa mukuru Seoul muri Korea y’epfo.

Ivyo bibaye inyuma y’imishamirano yari imaze amezi atari make hagati y’impande zompi.
Muri ivyo biganiro, ntibategekanya kuganira ku kibazo c’ibirwanisho nuclear cari kimaze imyaka itandatu giteye impagarara hagati y’ivyo bihugu, ariko ku rutonde rw’ivyigwa bazokwigira hamwe kugarukana imigenderanire y’ubudandaji n’ingenzi hamwe no guhuza imiryango yamaze imyaka irenga 60 yaraburanye kubera intambara yabaye hagati y’izo Korea zompi.

Umuvugizi w’igisirikare ca Korea y’epfo yamenyesheje ko imirongo ya gisirikare yari hagati y’ibihugu vyompi yongera gufungurwa.

Ivyo biganiro bitunganijwe inyuma y’ikiyago camaze amasaha cumi n’umunani hagati y’intumwa zo mu bihugu vyompi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.