Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Korea ya ruguru n’iy’epfo batanguye ibiganiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea ya ruguru n’iy’epfo batanguye ibiganiro

Korea ya ruguru n’iy’epfo batanguye ibiganiro

dimanche 9 Ruheshi 2013

Inyuma y’amezi menshi Korea y’epfo n’iya ruguru zishamiranye bitewe n’umugambi wa Korea ya ruguru yo gukora ibirwanisho ruhonyanganda, abayobozi bakomoka muri Korea zompi bahuriye mu gisagara ca Panmunjom mu biganiro vyo kugarukana umwumvikano.

Ibiganiro vyabereye mu kibanza caterewemwo umukono ku masezerano yo guhagarika intambara hagati y’izo koreya, hagati y’imwaka y’1950 n’1953, bikaba vyamaze amasaha agera kuri abiri. Ibii biganiro bikaba bibaye inyuma y’aho inama isozerewe yahuza Barack Obama wa Leta zunze ubumwe za Amerika na Xi Jiping, umukuru w’igihugu c’Ubushinwa, muri Calfornia.

Amakuru dukura ku muhora 7sur7 amenyesha ko intumwa zitatu za Korea ya ruguru na zitatu za Korea y’epfo bahuriye i Panmunjom mu ntumbero yo gutegura ibiganiro bizofasha kugarukana amahoro mu burere Korea ziherereyemwo.

Ubushinwa inyuma y’uko aribwo bufitaniye umubano udasanzwe na Korea ya ruguru bukaba butari bwishimye inyifato ya Korea ya ruguru yo gucura ibirwanisho ruhonyanganda.

Ubushinwa bukaba bwari bwanashigikiye ibihano vyari vyafashwe n’inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri Korea ya ruguru.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.