Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya y’epfo : Ibindi biziga 19 vyatowe mu sanganya y’ubwato (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya y’epfo : Ibindi biziga 19 vyatowe mu sanganya y’ubwato (...)

Koreya y’epfo : Ibindi biziga 19 vyatowe mu sanganya y’ubwato bwatwawe

lundi 21 Ndamukiza 2014

Ibiziga vy’abitavye Imana mw’isanganya ry’ubwato ryabereye mu ruzi rwo mu gihugu ca Koreya y’epfo birabandanya gutorwa. Inyuma y’ibiziga 26 vyari biherutse gutorwa, abahinga mu kwibira mu mazi (plongeurs) batoye ibindi biziga bigera kuri 19.

Inyuma yaho ubwato bwa epave bwari butwaye abantu bagera ku 476 bugiriye isanganya, vyafashe iminsi itatu imbere y’uko abahinga 500 mu kwibira mu mazi batangura kurondera abatwawe n’uruzi.
Kuva aho iryo nsanganya ribereye, ku munsi wa gatatu wa 16 Ndamukiza, abatwawe bataramenya irengero ryabo gushika ubu, bakaba bagera ku 244, muribo harimwo imiyabaga yari mu rugendo rw’ishure. Mu bari mu bwato bose, 174 akaba aribo bashoboye kurokoka bonyene.
Muri kino gihe, impari ni nyinshi zirangwa hagati y’igiporisi kiriko kirarondera ibiziga vyoba bikiri mu ruzi hamwe n’imiryango y’ababuze.

Ibiziga vy’abitavye Imana bikaba biriko birajanwa mu mahema ari hafi y’ahabereye isanganya kugira ababo bashobore kubarabiraho imbere yo kubahamba. Imiryango y’abantu y’ababuze ababo bagera ku 200, kuri uyu w’Imana wa pasika, barihaye amabarabara, hagati y’igisagara ca Jindo na Seoul hafi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Koreya y’epfo, kugira biyamirize ukudashiramwo inguvu n’umwete mu gutabara abatwawe n’uruzi.

Mwomenya ko capitaine Lee Joon-Seok hamwe n’abandi bari kw’izamu ryo gucungera ubwo bwato bwibiye, baciye bafatwa n’igiporisi kugira bishure ibirego bagirizwa, nko gufata minenerwe umutekano w’abanyagihugu bari mu bwato. Ikindi naco, uwari ajejwe gucungera umutekano w’abari mu bwato, yagirizwa kuba yarahunze ubwato imbere y’uko abantu barokoka, hamwe no kuba yaratanze itegeko kubari mu bwato, kuguma bicaye mu ntebe barimwo mu kiringo c’iminota 40, hakubareka bakize amagara.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.