Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya ya ruguru yakatiye Umunyamerika imyaka 15 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya ruguru yakatiye Umunyamerika imyaka 15

Koreya ya ruguru yakatiye Umunyamerika imyaka 15

jeudi 2 Rusama 2013

Itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca Leta ya Korea ya ruguru KCNA, rimenyesha ko Pae Jun-ho, azwi muri Amerika kw’izina rya Kenneth Bae, yakatiwe igifungo c’imyaka 15 kw’igenekerezo rya 30/04/2013.

Yafashwe umwaka uheze mu kwa cumi na rimwe, yinjiye mu gihugu nk’umukerarugendo.
Leta ya Pyongyang imenyesha ko yagirizwa ivyaha vyo kurwanya ubutegetsi.
Ibi bije mu gihe imigenderanire hagati ya Korea ya ruguru na Leta zunze ubumwe za Amerika isanzwe itifashe neza; kuva aho Korea ya ruguru igerageje incuro gatatu, ibisasu vyayo vya missile.

JPEG - 16.5 ko
Bae Kenneth, yafatiwe muri Korea ya ruguru

Ibinyamakuru vya Korea ya ruguru mur’iyi ndwi vyatangaje ko bwana Pae yiyemereye ivyaha aregwa birimwo gushaka gutembagaza ubutegetsi.

Sentare nkuru y’igihugu yamukatiye imyaka cumi n’itanu y’ibikorwa biruhisha.
Bwana Pae w’imyaka 44, yinjiye muri Korea ya ruguru mu kwa 11 umwaka uheze aho yafatiwe ku kivuko co mu muji wa Rason, agace gakomeye mu butunzi bwa Korea ya ruguru, kari hafi y’urubibe n’Ubushinwa


Victor Aime Kwizera

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.