Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Koreya ya ruguru yanse ibiganiro hamwe na koreya y’epfo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Koreya ya ruguru yanse ibiganiro hamwe na koreya y’epfo

Koreya ya ruguru yanse ibiganiro hamwe na koreya y’epfo

lundi 15 Ndamukiza 2013

Koreya ya ruguru yaranse kuri uwu w’Imana ibiganiro hamwe na koreya y’epfo kuvyerekeye kazoza y’uruganda kaesong rushobora kwugara kubwo kubura ibikoresho hamwe n’abakozi bakwiye.

Koreya ya ruguru yaranse ko abanyekoreya y’epfo ko bagira uburenganzira bwo kwinjira muri iryo hinguriro riri ku butaka bwabo nko ku birometero cumi gusa uvuye ku mupaka ,kuva italiki 3 z’ukwezi kwa Ndamukiza. Yakuyeyo rero abakozi baryo ibihumbi 53 kuri uwu wa kabiri uheze ngo ku mpamvu z’uko hari umutekano muke kuri iryo zinga.

Uwujejwe imigenderanire hagati y’izo koreya zibiri yarahamagaye Pyonyang kuza ku meza y’ibiganiro kugira basubire bugurure iryo hinguriro ryuguruwe mu mwaka wa 2004 mu ntumbero yo kwunga imigenderanire hagati y’izo korea zibiri.

Ariko koreya ya ruguru yaranse ivyo umushikiranganji wa koreya y’epfo ajejwe ubwiyunge Ryoo Kihl jae aho koreya ya ruguru ivuga ko ivyo bintu ko bitagira insiguro kandi ko ari n’uburyarya kandi ko intumbero nyamukuru ari iyo guhisha umugambi wo gutera korea ya ruguru.

‘’Tubona ko ivyo bintu ari igikorwa kitagira insiguro kandi atakintu kirimwo ‘’vyavuzwe n’umukuru atwara komite yo muri koreya ya ruguru ijejwe ubwiyunge buciye mu mutekano na koreya aho bari mu kiganiro bagiranye n’ikinyamakuru ca koreya ya ruguru KCNA.

Nimba koreya y’epfo ishaka gutangura ibiganiro ,yarikwiye gutangura guheba iyo myiteguro yo kurwana niko yongeyeko .

Ico cibanza ca kaesong gihurikiyemo amashirahamwe 123 yo muri koreya y’epfo yari yagumye yuguruye gushika n’ubu yuguruye naho hari ingwano kuri iryo zinga

Iryo hinguriro rikaba ariryo ryari risigaye ryoshobora guhuza izo koreya uko ari zibiri.Iryo hinguriro rikaba ryatumye hinjira amafranga angana n’imiriyoni 469,5 y’ama dorari n’ukuvuga imiriyoni amajana 366 z’ama euros,n’ukuvuga ryari rifitiye akamaro mu gutanga ubuzi ,amakori hamwe no kwinjiza amfranga y’agaciro.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.