Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku mugabane wa Afrika hatowe imboneza 22 zizoterera mw’ihinduka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku mugabane wa Afrika hatowe imboneza 22 zizoterera mw’ihinduka (...)

Ku mugabane wa Afrika hatowe imboneza 22 zizoterera mw’ihinduka ry’isi

jeudi 13 Ntwarante 2014

Ishirahamwe Young Global Class rwashize ahabona urutonde rw’abantu 214 b’imboneza muri kazoza k’isi. Batorwa mu mihingo itandukanye y’isi kandi baba bafise munsi y’imyaka 40, abagera kuri 22 bava ku mugabane wa Afrika.

Amatora yabaye kw’igenekerezo rya 11 Ntwarante nk’uko ishirahamwe Young Global Class ryama ribigira uko umwaka utashe. Riratora mu mihingo itandukanye y’isi imboneza zifise munsi y’imyaka 40, ziboneka ko zifitiye akamaro isi muri kazoza. Itorwa ry’izo mboneza ryava ku bikorwa umuntu amaze gukora biboneka, canke ivyo ariko arakora bifitiye akamaro kanini isi. Igihe haba ihuriro mpuzamakungu riraba ivy’ubutunzi " Forum Economique Mondial", haciye hatorwa izo mboneza. Abagera kuri 22 bo ku mugabane wa Afrika, mu gihe kw’isi yose hatowe abagera ku 214 bavuye mu bihugu 66. Ku mugabane wa Afrika, muri abo 22, abagera kuri 19 bava mu gice kiri munsi y’ubugararwa (Afrique Subsaharienne), abasigaye bava mu bihugu nka Afrika yo buraruko (Maghreb). Aho hatoweyo umukinyikazi w’amareresi Charlize Theron yashinze ishirahamwe "Africa Outreach Project" rirwanya ikiza Sida.

Abandi bo muri Afrika batowe n’aba bakwirikira :

1. Rania A. Al-Mashat, icegera c’uwurongoye ibanki nkuru y’igihugu ca Égypte

2. Fatima Zahra Mansouri, arongoye igisagara ca Marrakech, Maroc

3. Khelifa Omezzine, umuhanuzi ajejwe ivy’ubutunzi muri Tunisie

4. Michael Macharia, yashinze ishirahamwe Seven Seas Technologies (SST), Kenya

5. Sara Menker, yashinze ishirahamwe Gro Ventures, Kenya

6. Kanini Mutooni, umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe MyAzimia Ltd Kenya

7. Nneka Mobisson-Etuk, umuyobozi nshingwabikorwa mu kigo kijejwe iterambere ry’amagara y’abantu, Nigeria

8. Danladi Verheijen, yashinze ishirahamwe Verod Capital, Nigeria

9. Dave Duarte, umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe Treeshake, Afrique du Sud

10. Nkosana Mashiya, arongoye ibanki nkuru y’igihugu yo muri Afrique y’epfo

11. Lerato Mbele, ashikiriza amakuru muri BBC, Afrka y’epfo

12. Gugu Nxiweni, umukuru w’ishirahamwe Etrostep, Afrika y’epfo

13. Marlon Parker, yashinze ishirahamwe Reconstructed Living Lab, Afrika y’epfo

14. Anton du Plessis, afasha ikigo "Institute for Security Studies (ISS)" Afrika y’epfo

15. Hanli Prinsloo, akina amareresi, Afrika y’epfo

16. Hanneli Rupert, yashinze insamirizi Okapi, Merchants on Long, Afrika y’epfo

17. Charlize Theron, akina amareresi akongera akaba uwashinze ishirahamwe "Africa Outreach Project", Afrika y’epfo

18. Alek Wek, umu "mannequin" kandi ari mu rwego rujejwe impuzi n’abimuka mu gihugu ca Amerika (USCRI), Sudani y’amaja epfo

19. Angellah Jasmine Kairuki, icegera c’umushikiranganji w’ubutungane n’ibiraba ibwirizwa nshingiro, Tanzanie

20. H. Neghesti, umuyobozi nshingwabikorwa mw’ishirahamwe Jefag Logistics Tanzania Ltd, Tanzanie

21. Vincent W. Bagiire, umushikiranganji, Ouganda

22. Bernice Dapaah, umuyobozi w’ishirahamwe rikora amakinga y’umugano ryo muri Ghana, Ghana


cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.