Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Carlo Ancelotti amenyeshako Real Madrid itorohewe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Carlo Ancelotti amenyeshako Real Madrid itorohewe

Carlo Ancelotti amenyeshako Real Madrid itorohewe

jeudi 27 Ntwarante 2014

Ku munsi ugira wa 30 w’inkino z’umupira w’amaguru mu gihugu ca Espagne (Championnat d’Espagne), umurwi wa Real Madrid ntiworoherejwe n’umurwi wa FC Séville. Real Madrid yaciye itakaza ikibanza ca mbere. Carlo Ancelloti abona ko bigoye gusubira muri ico kibanza.

JPEG - 62 ko
Carlo Ancelotti

Umurwi wa Real Madrid, umwe mu mirwi y’ibihangane mu gihugu ca Espagne waratanye mu mitwe n’umurwi wa FC Séville ku munsi w’ejo kuwa gatatu. Cristiano Ronaldo na bagenzi we ntiborohewe. Urukino rugishushe mu ntango, Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo ku munota wa 14 w’urukino. Ico gitsindo ca Cristiano Ronaldo cagize ica 27 kuva inkino zo muri Espagne zitanguye.
Ico gitsindo nticaciye intege abakinyi ba FC Séville kuko haheze iminota 4 gusa, ni ukuvuga ku munota wa 18, Carlos Bacca avuka mu gihugu ca Colombiya akinira FC Séville yarakigomboye. Igice ca mbere kirangira ari igitsindo kimwe ku kindi.

Mu gice ca kabiri, imirwi yose ntiyavyoroheje, ariko inyuma y’igitsindo Real Madrid yahushije, Carlos Becca yaravumbutse maze yinjiza ikindi igitsindo cahavuye kirangiza urukino ku bitsindo 2 kuri 1 ca Real Madrid. Ico gitsindo catumye umurwi wa Real Madrid utakaza ikibanza ca mbere wahorana muri ayo mahiganwa, maze uja inyuma ya Atletico na FC Barcelone yawutsinze mu rukino rwabaye ku w’Imana uheze.

Carlo Ancelotti amenyereza Real Madrid avuga n’akabababaro kenshi kuko umurwi wiwe warumaze aminsi uri kw’isonga ry’amahiganwa ati : "Ntivyoroshe ko dusubira kw’isonga ariko birashoboka. Navuze kenshi ko ibintu bizogenda neza ariko tubanje guca mu ngorane. Iryavuzwe riratashe. Twese dutegerezwa kuva hasi, umwe wese ku ruhande rwiwe. Amahiganwa ya Liga arabaye akananira bahinga, nzi neza ko inkino zose atarusanzwe rurimwo, nico gituma dutegerezwa guhaguruka".

JPEG - 111.2 ko
abakinyi ba Fc Seville

Imirwi 10 iri imbere y’iyindi mu mahiganwa yo muri Espagne.

1. Atletico Madrid : amanota 73

2. Fc Barcelone : amanota 72

3. Real Madrid : amanota 70

4. Atletico Bilbao : amanota 56

5. Fc Séville : amanota 50

6. Real Sodiedad : amanota 46

7. Villareal : amanota 45

8. Espanyol Barcelone : amanota 40

9. Valence FC : amanota 39

10. Levante : amanota 37


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.