Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku munsi w’ejo isi yose izohimbaza umunsi wahariwe Mandela - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ku munsi w’ejo isi yose izohimbaza umunsi wahariwe Mandela

Ku munsi w’ejo isi yose izohimbaza umunsi wahariwe Mandela

mercredi 17 Mukakaro 2013

Hasigaye amasaha make gusa isi yose igahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe Nelson Mandela, igenekerezo rya 18 Mukakaro. Niwo musi hahimbazwa umusi mukuru w’amavuka wa Nelson Mandela, aho bawutaziriye ‘’Mandela day’’, umunsi washizweho kuva mu mwaka w’2010 n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Uwo munsi ukaba uhariwe ibikorwa vyo gufashanya kugira bahe icubahiro uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Afrika y’epfo Nelson Mandela ku myaka yamaze ariko yiyamiriza ikumirwa rifatiye ku rukoba.

Igenekerezo rya 18 Mukakaro, isi nzima irahamagarirwa gukora igikorwa ciza kuri uwo musi mu guha icubahiro Nelson Mandela, hama bakongera bagafata iminota 67 yo kwibuka imyaka 67 yamaze arwanya ikumirwa rifatiye ku rukoba.

Nelson Mandela yavutse ku genekerezo rya 18 Mukakaro 1918 mu gasagara gato kari muri Afrika. Azohimbaza imyaka 95 amaze kw’isi, imyaka ata muntu n’umwe yari yiyumvira ko azoyishikana, uravye ukuntu amagara yiwe yagiye arifata. Niko karyo batoye ko gushimira Mandela ku bikorwa vyiza yakoze.

Uwo mwanya urangwa n’ibigumbagumba vyinshi nk’uko vyama bigenda no mu myaka yaheze, aho mu gatondo ka kare isaha zibiri z’agatondo abana b’aho muri Afrika y’epfo bazinduka bamuririmbira akaririmbo kajanye n’isabukuru ‘’Happy birthday‘’, Umushikiranganji w’indero muri ico gihugu Angie Motshing yamenyesheje ko aribwo buryo batoye bwo kumushimira.

Kuza bariyumvira ibikorwa bifasha abandi ,nk’akarorero gusiga irangi nko kw’ishure rimwe ,gutanga ivyambarwa ku babikeneye,gukorera neza imva z’abapfuye bazira kwiyamiriza i kumirwa rifatiye ku rukoba.Abantu barurangiranwa bamwe bamwe bo kw’isi bakaba baremeye kwitanga uko bashoboye mu kugira bifatanye n’iryo sabukuru rya Nelson Mandela.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.