Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 12, yinjiye mu murwi w’incabwenge kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku myaka 12, yinjiye mu murwi w’incabwenge kw’isi

Ku myaka 12, yinjiye mu murwi w’incabwenge kw’isi

jeudi 7 Ntwarante 2013

Umwigeme Neha Ramu w ‘imyaka 12 aba mu gihugu c’Ubwongereza afise ubwenge bwinshi ari navyo vyamutumye yinjira mu murwi w’ abantu bafise ubwenge bwinshi kw’isi(Mensa), inyuma y’ikibazo yakoze kugiramgo barabe ubwenge bwiwe aho bugarukira.

Nk’uko amakuru ava kuri Yahoo abivuga, Neha Ramu ngo arabereye kuja mu murwi w’abantu bazi ubwenge bwinshi kw’isi,kuko afise ubwenge budasanzwe, ibibazo vyose bagiye bamuha kugirango bapime urugero rw’ubwenge bwiwe yabitora vyose.

Ikigaragaza ko afise urugero runini mu bwenge n’uko yaronse amanota arengeye n’abandi bantu bazwi mu mugwi wabarurangiranwa mu bwenge kw’isi, aho twovuga nka Arbet Einstein, Bill Getes na Stephen Hawking, kuko yaronse ijana kw’ijana ku kibazo kiri ku manota 160, nk’uko ayo makuru abandanya abivuga.

Jayashree umuvyeyi wa Neha Ramu avuga ko atigeze yibaza ko umwana wiwe yoba afise ubwenge bwinshi cane, ariko ngo abonye amanota aronse mu bibazo bamuhaye yaciye abona ko umwana wiwe adafise ubwenge busanzwe.

Imbere yo gukora ikibazo kimuha uburenganzira bwo kuja mu murwi w’incabwenge kw’isi, Neha Ramu yarakoze ikibazo kindi aho yaronse amanota 280 kuri 280 nyene.

Uyo mwigeme w’umuyabaga aratandukanye n’abandi bana, kuko mu buruhuko, aho abandi bana baja kuryoherwa ku kiyaga, abandi bakirirwa imbere y’imboneshakure, wewe ngo aca aja mu myimenyerezo imwungura ubumenyi mu vyirwa bijanye n’ingene ubwonko bw’umuntu bukora, n’ibihimba bitandukanye bigize ubwonko bw’umuntu,nk’uko umuvyeyi wiwe abivuga.


Marie Claire Ingabire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.