Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 90 yaciriwe umunyororo w’imyaka 90 nyene - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ku myaka 90 yaciriwe umunyororo w’imyaka 90 nyene

Ku myaka 90 yaciriwe umunyororo w’imyaka 90 nyene

lundi 15 Mukakaro 2013

Ubucamanza bw’igihugu ca Bangladesh bushinzwe guca imanza z’ivyaha vyo mu ntambara rwaciriye Ghulam Azam, afise imyaka 90 gufungwa imyaka 90 nyene. Ubucamanza bumaze kumwagiriza ivyaha yakoze mu ntambara yo kwibohoza bwafashe iyo ngingo yo kumucira urwo rubanza.

Yaregwa ko yakoze ivyo vyaha mu ntambara yo guharanira ubwigenge igihe barwana n’igihugu ca Pakistani mu myaka 40 iheze.
Ghulam yagirijwe ivyo vyaha 5 birimwo ubwicanyi no gufata abantu nabi.

Uwo mutama Azam yahakanye ivyaha vyose, abamushigikiye bakavuga ko yazize impamvu za politike.
Umugambwe akomokamwo wa Jamaat-e-Islami, wahamagaje imyiyerekano mu gihugu hose.

Ku murwa mukuru, Dhaka, haravugwa itana mu mitwe hagati y’abajejwe umutekano mu kajagari katewe k’impari za kiislamu.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.