Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ku myaka 92 yarongoye umwigeme w’imyaka 22 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ku myaka 92 yarongoye umwigeme w’imyaka 22

Ku myaka 92 yarongoye umwigeme w’imyaka 22

samedi 6 Mukakaro 2013

Umworozi wo mu gihugu ca Irak azwi kw’izina rya Moussali Mohammed al-Moujamaie w’imyaka 92, yaraye yubakanye n’umwigeme arusha imyaka 70.

Urwo rubanza rero rw’uyo mutama, akaba yahisemwo kurutegurira hamwe n’abuzukuru biwe bafise imyaka 17 na 16. Yavuze ko umunezero ari mwinshi kubona agira yubake urwiwe iruhande yiwe hari abuzukuru bagira bubake urwabo. Yabandanije kandi amenyesha ko yagumye ahindagura amagenekerezo y’abuzukuru biwe kuko nawe atari bwaronke umukunzi yoshobora kubana nawe.

Umugore mushasha w’uyo mutama yitwa Mouna Moukhlif al-Joubari w’imyaka 22, asanzwe avuka hafi y’umugabo wiwe mushasha, aho avuga ko aje afise urukundo ntangere ku mugabo wiwe, kandi akavuga ko azokora vyinshi kugira amunezereze mu rukundo, ndetse ngo yiteguriye kugiriranira imibano myiza n’abana ba nya musaza. Moujamaie amaze imyaka itatu apfakaye, akaba afise abahungu 12, n’abakobwa 4 ku mugore wiwe wa mbere, bakaba bamaranye imyaka 58.

Urubanza rw’ubwo bugeni rero, rwari rumeze neza kuko hari abantu isinzi baje ku mushigikira, intambo, imvyino, eka n’inkoho zikaba zaravugijwe nk’ikimenyetso c’umunezero mu rubanza rw’ubugeni.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.