IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ku ncuro ya mbere buca yitaba sentare nkuru isubiramwo imanza

Ku ncuro ya mbere buca yitaba sentare nkuru isubiramwo imanza

mercredi 4 Ruheshi 2014

Umukuru w’ishirahamwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa yitezwe muri sentare nkuru isubiramwo imanza mu gisagara ca Bujumbura, aho azoba aroye kwumvirizwa ku vyo yagirizwa bijanye n’amasanamu yerekanye y’urwaruka, bivugwa ko ari abarundi bariko biga igisoda mu gihugu kibanyi ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo.

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 5 Ruheshi uyu mwaka, Petero Karaveri Mbonimpa akaba azorenguka, kugira yumvirizwe, baheze abacamanza barabe namba yorekurwa inyuma y’amasaha 48 canke akaguma apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Petero Karaveri Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu n’akabanyororo APRODH, akaba amaze amajoro 18 mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yarungitsweyo n’icariho c’umushikirizamanza mu gisagara ca Bujumbura Salvator Ndayiziga batazira Nyamizi.

Mwomenya ko kuva uwo ari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina mu ntu n’akabapfungwa atanguye gukurikiranwa ndetse agatabwa mu mvuto, amashirahamwe atandukanye yaba ayo mu Burundi canke mpuzamakungu, yose yagumye asaba ko uyo mutama w’imyaka 66 yorekurwa, akaburana yidegemvya, ndetse akanafasha igiporisi n’ubutungane gutanga umuco ku matohoza yagize y’abariko baragira iyo myimenyerezo.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega akarenganyo kazoheraryari mu Buburundi Ahubwo niweyarigufasha igiporisi Mumatohoza yurworwaruka rugira imyimenyerezo Muri Congo bobo birukira kumuta muri yompi hagutorera inyishu ikibazo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.