Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura mu nkino za CAN (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura mu nkino za CAN (...)

Urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura mu nkino za CAN 2015

jeudi 4 Kigarama 2014

Ku ncuro ya mirongo itatu (30ème édition) hakinwa igikombe ca CAN, haraye hasohotse urutonde rwerekana uko imirwi izohura. Nta gihugu na kimwe co mu karere ka Afrika y’Ubuseruko kizohiganwa muri izo nkino.

Mw’ijoro ry’igenekerezo rya 03 niho umukuru w’igihugu ca Guinnee Equatorial Teodoro Obiang Nguema na Issa Hayatou arongoye ishirahamwe ry’Afrika ry’umupira w’amaguru(CAF) batanguza igikorwa co gupanga imirwi (poules). Inkino zizohuza imirwi nserukirabihugu 16 bigabuwe mu mirwi ine (poules).

Inyuma y’ico gikorwa, urutonde rw’uko imirwi nserukirabihugu izohura ni uku gukurikira :

Umurwi A

- Guinée équatoriale

- Gabon

- Burkina Faso

- Congo

Umurwi B

- Zambie

- Tunisie

- Cap-Vert

- RD Congo

Umurwi C

- Ghana

- Algérie

- Afrique du Sud

- Sénégal

Umurwi D

- Cote d’Ivoire

- Mali

- Cameroun

- Guinée

Inkino za CAN ziba uko imyaka ibiri (année impaire) iheze, zikaba ziheruka kubera mu gihugu ca Afrika y’epfo mu mwaka w’i 2013, Nigeriya yatahukanye igikombe itsinze Burkina Faso kimwe ku busa (1-0).

Mwomenya ko inkino zizotangura kw’igenekerezo rya 17 Nzero gushika kw’igenekerezo rya 08 Ruhuhuma mu gihugu ca Guinée Equatoriale, mu gihe hari habuze igihugu cemera kwakira izo nkino kubera ikiza c’indwara ya Ebola. Nta gihugu na kimwe co muri Afrika y’Ubuseruko cashoboye gushika muri ayo mahiganwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.