Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Kuba umurwaneza, yoba ari umuti ku magara meza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Kuba umurwaneza, yoba ari umuti ku magara meza

Kuba umurwaneza, yoba ari umuti ku magara meza

dimanche 17 Munyonyo 2013

Uburwaneza canke kugira umutima mwiza, n’umuti ugabanya ingorane, ugakiza n’indwara zitari zike ku magara y’abantu.

Bimwe mu bigaragaza uburwaneza, hari ukugira umutima wama unezerewe, gufasha abandi, kugendera abarwayi, kudashira imbere inyungu ziwe, ubwitonzi, gushima canke ugukenguruka igihe cose, ubukerebutsi, n’ibindi bene ivyo. Ivyo vyose akaba atanguvu nyishi bisaba kugira umuntu abigire. Mu matohoza aheruka gukorwa n’abahinga mu bijanye n’inyifato z’abantu, kurondera ubwa mbere inyungu z’abandi, ni kimwe mu bifasha gushinga imizi kugira umuntu angendere mu burwaneza. Ata burwaneza, ubuzima n’ibitari bike birahagara.

Muti none uburwaneza butangura kwibonekeza ryari? Kubwa Yakobo Lecomte, umuhinga mu bijanye n’inyifato z’abantu, uburwaneza n’ikintu umuntu atarinda kurondera kuko ari ikimenyetso abantu bose bavukana. Ati nk’akarorero, iyo umwana avutse, ikigumbagumba ca mbere yerekana, n’ukurira. Iyo arize, aba akeneye uwumwitaho kugira amukure mu mibabaro, muri we ico kigumbagumba c’uburwaneza aracumva. Niyo atanguye gukura, akabona uwuri iruhande yiwe ababaye, umwana ararondera kumenya ikibabaje uwo bari kumwe.

Iyo umuntu abaye umurwaneza, imice imwe yo mu bwonko bwiwe ica itangura kwuguruka, igakora neza uwo muntu nawe akumva ata ngorane afise muri we. Iyo rero ugize igihushane c’uburwaneza, muri we nta mahoro aba afise, kuri we ubuzima nta nsiguro buba bugifise, nta n’ugutekanirwa muri we kuba kugihari. Ku bantu badakunda kugaragaza uburwaneza, abahinga mu vy’inyifato, bavuga ko bashobora gukwega indwara zo mu mutwe, mu gihe abarwaneza, bagira umutima wama ukeye, ufasha no kugira imitsi y’amaraso mu mubiri ikora neza. Ivyirwa vyerekana kandi ko abantu b’abarwaneza, bagabanya muri bo ikigumbakumba co kujingitwa. Iyo umuntu ajingiswe, imitsi yiwe iraranda, aho naho amaraso ntaheza ngo atembere neza, hagahava hakananduruka n’indwara zivuye ku mirindi y’amaraso, canke no kudakora neza kw’imitsi.

Ikindi naco kugira uburwaneza, birinda ukwononekara kw’ubwonko n’umutima, birinda kugira indwara zo kwibagira, maze umuntu akaramba. Richard Davidson nawe, umuhinga mu kuvura indwara zo mu mutwe, avuga ko uburwaneza, buri mu bituma umuntu aba incabwenge. Kuko, uko umuntu yiyugurukira abandi, haba mu kubafasha canke kurondera ico bakura mu ngorane, bituma uyo ashaka kugira uburwaneza yitaho kumenya vyinshi kugira arondere inyungu z’abandi, gutyo ubwenge n’ubumenye bikarushirizaho kwiyongera.

Ubushakashatsi bw’abanyamerika nabwo, bwerekana ko abantu b’abarwaneza, baba ari abantu barurangiranwa kandi bakundwa cane n’abanshi. David Rand, umushakashatsi kuri kaminuza yo muri Reta zunze ubumwe za Amerika, avuga ko abarwaneza, ari abantu batera imbere cane mu mibereho yabo ya minsi yose. Ahanura abantu kwama barondera kugira uburwaneza ku bandi kugira birinde gukwega indwara zivuye ku kutagira uburwaneza.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.